footballhomepagekirundi_Sports

Birangiye umumenyereza Ismail Nduwantare agarutse muri Magara Young Boys

Birangiye umumenyereza Ismail Nduwantare agarutse muri Magara Young Boys

Uwo mumenyereza wa kera w’umurwi BUMAMURU, yahavuye yerekeza mu murwi Magara Young Boys. Imaze kuduga mu cicaro ca mbere arko naho nyene nta gihe kirekire yahamaze, yaciye yimukira mu murwi Ulymp Star wo mu ntara ya Muyinga, mu mwaka w’inkino 2022-2023. Ariko naho nyene yahamaze ikiringo gito, kuko yagiyeyo mugice ca kabiri c’ihiganwa rikuru ry’igihugu Primus Ligue 2022-2023, hanyuma yimukira mu murwi Amasipiri.

Ismail Nduwantare aheruka kuva muri uwo murwi Amasipiri kubera umusaruro muke.

Nkuko avyemeza, Ismail Nduwantare yamenyesheje ko asubiye mu murwi wiwe wa kera Magara Young Boys usanzwe wamuka mu ntara ya Rumonge, aho ni inyuma yaho umumenyereza Nzeyimana Mailo yahora amenyereza Magara Young Boys atangiye imihoho kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2023

Ismail Nduwantare ku murongo wa terefone, akaba yavuze ko guhera kuri uwu wambere igenekerezo rya 01 gitugutu 2023 azotangura kumenyereza uwo murwi Magara young Boys.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 830