BurundihomepageIKIRUNDI_newssocieteyouth

Basaba Reta n’abandi bagira neza kubafata mu mugongo

Ikigo c’impfuvyi Orphelinat Nice Hope House kiri mu ntara ya Gitega kirakenye uburyo bukwiye bwotuma gikora neza nk’uko kivyipfuza.

Ico kigo kiri ku mutumba wa zege komine n’intara ya Gitega kikaba cakira abana b’intabwa, abo abavyeyi babo bitavye Imana canke abatawe mw’ibarabara, ubu kikaba gifise abana mirongo ine n’umwe babaho.

Ntawuyankira Léopord akirongoye avugako yagitanguje mu mwaka w’2007 i Bujumbura ahava acimurira i Gitega kuko bakora bapanze, ivyo rero ngo vyarabagora gutunga abana ariko ubu bakaba barubatse ikigo bakiriramwo abo bana.

Avuga kandi ko bakira umwana amaze ukwezi kumwe gushika ku myaka cumi, ico gikorwa rero akaba agikora kuko nawe yabaye umwana wo mw’ibarabara akaba azi ubuzima bwaho.

Agasaba rero abo bashigikira kuko bakoresha uburyo bwinshi mukurera abo bana haba kubaronkera amata banywa, kuriha amazi n’amatara hamwe no kuriha amahera y’abakozi bakurikirana abo bana.

Muri ico kigo kandi hari ishure ry’ukwimenyerezamwo aho hari abana bahegereye baza kuhigira, agasaba ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gufatana munda hamwe na Reta ndetse n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yitaho agateka k’abana kubashigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719