BasketballBurundiÉnergieEntertainmentgroups-at-messageSport

#Basketball |Loko ntakibarizwa mu Burundi

Uwahora ashikiriza ibiganiro vy’inkino ,ivy’urukundo na zinduka kuri Buja fm akaba kandi yari umumenyereza w’imirwi nka New stars , Les gazelles, Berco stars ,Les fidèles na Aigle noir muri Basket-ball ntakibarizwa mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2020 akaba abarizwa mu gisagara ca Lausanne mu gihugu ca Suisse.

Loko nkuko benshi bamwita mu bisagara vya Rumonge na Bujumbura akaba yarakunzwe cane kuko ibiganiro vyiwe vyumvirizwa cane n’abatari bake. Akaba yarahawe agashimwe mu Rumonge ku musi wahariwe amakomine muri 2017 nk’uwamenyekanishije ikomine mu mice itandukanye , ako gashimwe akaba yagashikirijwe na nyakwubahwa umushingamateka Célestin Nitanga yararongoye iyo komine ico gihe.

Uyo mu menyeshamakuru yigeze no gukorera Izere fm mu Rumonge yahambije umukenyezi wiwe Isabelle Rochat asanzwe yamuka muri ico gihugu.

Indundi ibifurije kugira ibihe vyiza no kuroranirwa mu rugo rwabo. Tubibutse ko Nkurunziza Lionel Loko na Isabelle bubakanye kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2020 mu gisagara ca Bujumbura aho bakoze akabirya bahitamwo kugendera kw’ikinga no muri Bajaj ku musi w’ubugeni bwabo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470