Entertainmenthomepagekirundi

Mkombozi mu kuzunguruka Uburundi ubu hashikiriwe intara ya Bubanza

Mkombozi ni umuririmvyi w’umurundi benshi mwamumenye ku mudiho wa Rap nubwo muri kino gihe no guhibongoza bitamurwa nabi.

Mu kiganiro yakoze kuri Indundi Tv yavuze ko afise umugambi wo kugendera abakunzi biwe abasange no mu ntara hagati mu ntumbero yo kubashikiriza umuziki wiwe banaryoherwane mu biteramo.

Yatanguriye mu ntara ya Makamba aho asanzwe avuka adatevye yaciye akubitira mu Cibitoke ca Rugombo, Nyanza Lac, i Bujumbura kuri Nyabugete Beach, ubu naho ngo igenekerezo rya 12 Myandagaro 2022 ngaho i Bubanza azoba yaje na Mutima le Comédien ku bateramisha,
neza na neza ico giteramo kikazobera kuri Croix Rouge iri kuri Centre.

Uko bizogenda bikurikirana ngo azogenda aratumenyesha intara iramukiwe igeze kuko ngo ivyipfuzo vyiwe n’uko hose yohagera.

Ico asaba abakunzi biwe ni kuza kumushigikira kuko ngo nibo batuma n’abanyamitahe baca babizera kugira bakorane bikaba arinavyo bituma umuririmvyi atera imbere.

Tubibutse ko Mkombozi aheruka gusohora indirimbo yiwe yise Ngiye i Bujumbura arikumwe na Chany Queen ikaba iri kuri Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753