IKIRUNDI_news

Bechou ngo ukora karaoké uyabona hakiri kare

Nibitanga Belyse niyo mazina yahawe n’abavyeyi yavukiye muri komine Buyenzi akaba azwi kw’izina rya Bechou.

N’umuririmvyikazi akunze kuboneka cane mu ma karaoké, nayo y’inanase cane tukamubona mu ndirimbo z’abandi usanga yabafashije ivyo bita (fechiring) akaba yatanguye kuririmba kuva 2012.

kuba atagira indirimbo yiwiwe bwite kandi afise ijwi ryiza vyaratudidaniye Indundi Magazine turamwegera kugira twumve imvo nyezina.

Nawe ati:”Hari vyinshi naciyemwo bituma ndebukirwa n’ibintu vyo kuja muri studio nkore ku giti c’iwanje kandi murantunga ntavyo nshimye kuvuga ivyarivyo.””

Tumubajije itandukaniro ry’ umuririmvyi akora karaoké ni uwuja muri studio gukora iziwiwe yagize ati: ”Umuririmvyi wa karaoké akora ari sûr yuko ategerezwa kuronka agashahara kiwe hama umuririmvyi, wa studio bifata umwanya muremure kugira aronke ubufasha, no kugira amenyekane biramufata umwanya.”

Nayo tumubajije umuririmvyi akunda akaba yatwishuye ko ari Mudibu na cane cane ku ndirimbo yiwe (Maisha y’umuvyeyi)

Igiteramo ntibagirwa kuriwe akaba ari igiteramo yakoreye mu ntara ya Muyinga aho bita (i kobero).
Mwomenya ko Bechou ko
yatumiwe mu MaRaHaBa music festival izoba muri Mukakaro hano i Burundi, izohuza abaririmvyi mva makungu aho azoba arikumwe n’ibindi bicocoro mu muziki.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037