CuteEntertainment2

Ben Mendez mu mwuga wiwe aremeza ko ashoboye

Mu gihe benshi mu rwaruka baheza amashure bagaca bituna bugatondera barindiriye uwobaha akazi, Selemani we yahisemwo kuba umwe mu batanga akazi.


Malembo Selemani azwi kw’izina rya Ben Mendez, amaze gusozera ivyirwa vyiwe mu gisata c’ubuhinga (informatics), yaciye aja kwiga umwuga wo guteranya ivyuma (soudire), ivyamuviriyemwo akazi keza kamubeshaho.

Mu mwuga wa guteranya ivyuma akaba atakimucika kuko awukorana ishaka n’urukundo, kandi ifise ivyo yisangije abona ko asumbije abandi.

Mendez, uwo mwuga wiwe akaba uwukorera kw’ibarabara ryitiriwe kaminuza (avenue de l’universty) hampande y’inzu y’ubunwero kumwe n’ibiteramo bw’umurwi Peace and love.

Ben ibikorwa vyiwe bikaba bitagurishirizwa Ku kibanza gusa akaba abishira no Ku mbuga ngurukanabumenyi, nka Facebook, aho ushobora kubona ivyo ahingura kw’izina rya Ben Mendez.

Akaba ari umwe mu banyamyuga bamaze gutahura ko urudandazwa ruciye Ku mbuga ngurukanabumenyi rufise akamaro.

Malembo Selemani agaha ikaze uwo wese yifuza gushigikira uwo mwuga.
Mu kiganiro cacu co hanyuma tukazobayagira intambamyi ahura nazo muri uwo mwuga, ndetse n’akamo atera Nyakubahwa Umukuru w’igihugu mushasha ndetse na Leta yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 6