cultureculture_promotehomepagekirundi

Bernice the bell yumvise ibisabo vy’abashaka kugura album yiwe

Ni Irumva Bernice izina yahawe n’abavyeyi akaba avuka mu ntara ya Karusi mu muziki akaba azwi nka Bernice the bell indirimbo ziwe zikaba zikangurira abarundi gukunda imico n’akaranga.

Hari haciye igihe kitari gito yatumenyesheje ko urukurikirane rwiwe (Album) ruzwi kw’izina rya” Iwacu ” rwarangiye. N’ikimenyamenya hari indirimbo zigize iyo album twari tumaze kwumva, hari n’abari bamaze kuzigura kuri CD ariko ku mbuga ngurukana bumenyi zigurisha umuziki ntizari bwagaragare ivyo benshi baguma bamusaba ko yoraba akazishirako.

Ngo ico umwana w’umwami aririye arakironka ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2022 niho yazishira kuri Platform zitandukanye nka Boomplay, Amazon, n’izindi.

Iyo album ikaba igizwe n’indirimbo 10 muri izo ndirimbo iyibona ni imwe “vidéo iwacu”.

Yateye akamo abakunzi biwe kubandanya bamushigikira ndetse anabibitsa ko aguma ari ku kivi ageze kubice 60% ku bikoresho bisabwa mu gukora Studio ihinyanyura umuziki, ikindi album yiwe igira 2 iriko irakorwa mugabo ntarashima kuvuga ni ryari izoshirwa ku mugaragaro
gusa vuba ararekura indirimbo izozanana n’amasanamu yayo izwi kw’izina rya “Comanda” ikazoba iri muri urwo rukurikirane rwiwe (album) rugira kabiri.

Arashima urugero bagezeko abaririmvyi bandika cane ku mico n’akaranga ngo bariyongereye kandi babikora neza ni kubandanya mubashigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 741