IKIRUNDI_news

Berry Music ngo agiye gushira ahabona Collabo yakoze

Abantu batari bake ngo bagize igihe basaba Berry Music ko abakorera indirimbo arikumwe n’uwundi muririmvyi, ico gikorwa uwo muririmvyi avuga ko agiye kuzogikora mu misi ya Vuba.

Mu kiganiro na Isanamu Tv, Berry Music yavuze ko afise Collabo 2 n’abaririmvyi ba hano iwacu, ariko akabizeza ko imbere uyu mwaka wa 2021 urangira ngo azoba amaze gushira ahabona imwe murizo, ariko iyindi izoza ishikiriwe.

Berry yanse kuvuga amazina y’abo baririmvyi, kuko ngo ntakunda kuvuga ivyo azokora, ahubwo ashima gukora abantu bakabona ibikorwa vyamaze kuja ahabona.

Ikiza ca Covid-19 kiri mu bizibiye Berry ngo yagure ibikorwa vyiwe mu mahanga, ubona ko ayo mahanga nyene ngo amaze kumuyoboka mu kumenyekanisha ibikorwa vyiwe, aho akavuga nk’imboneshakure zitandukanye zo muri kano karere.

Mwomenya ko uwo musore amaze igihe gito atanguye umuziki, ubu akaba ageze ku yigira 3, ikaba ari Helena imaze kurabwa incuro 37, 409 mu kiringo c’imisi 17 imaze ishizwe ahabona ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037