Mu gihe n’ubu hakiriko hararonderwa uko bishoboka kwose ngo Big Fizzo abashe gukwiza Views 1,000,000, ku ndirimbo yiwe n’imwe afise Ku rubuga rwiwe rwa YouTube rugeze ku barukurikirana barenga 120,000, habonetse Indirimbo yiwe iri ahandi imaze kuzikwiza.
Umumenyeshamakuru Edisson Ndayahoze, yidoze Kuri uyu wa gatanu, ntatahura ukuntu uwo muririmvyi atabasha gukwiza izo Views Kandi biboneka ko hari aho zimaze gukwira.
Uwo mumenyeshamakuru yidogeye abafana ba Big Fizzo avuga ko bidatahuritse kuba abafana babasha gukwiza Views Kuri urwo rubuga rw’uwundi, ariko iwe hari ama hit atari make ngo atabasha kuzikwiza.
Yagize Ati :” Kuberiki Kuri YouTube nyezina y’uno Mugabo huzuyeho ama Hits, Kandi menshi, ariko mutaja kuziraba ngo zikwize ama Millions du Vues?”
Hampande ya Eddison urundi rubuga rwa Facebook rwitwa African Sound narwo rwanditse ruvuga ko kuva aho vyakaronderewe ngo vyahavuye biboneka. Ngo naho bitabaye ku rubuga rwiwe, uwo muririmvyi Mugani Desire arahevye arakwiza Views 1,000,000 Kuri urwo rubuga rwa YouTube. Ubwo akaba agiye muri Milligang yatanguwe hano iwacu na Sat-b.
Nkuko vyabandanijr biboneka Kuri urwo rubuga rubonekako iyo ndirimbo ya Big Fizzo, nuko iyo ndirimbo imaze imyaka 14 ishizwe Kuri urwo rubuga rwa Youtube, ahubwo ubu akaba ariho igiye gukwiza izo Views.
Bamwe mu bafana babonye ivyo vyanditswe Kuri urwo rubuga rwa Facebook, ku bijanye n’iyo ndirimbo bamwe bakaba bavuze ko ibintu vy’ugukwiza Views 1,000,000 vyanse Kwa Big Fizzo, ngo arabe yugurure urubuga rushasha, kuko ngo urwo afise rushobora kuba rwararozwe.
Ibi bakaba babivuze mu gihe Indirimbo afise Kuri urwo rubuga isa n’iyegereza ama Views Umuliyoni Ari Gout Yanje imaze gukwiza Views 670,000, nayo iyo aheruka gusohora yanavugishije benshi ikaba igeze kuri Views 529,000 mu kiringo c’amezi 2 gusa.
Kuri izo Views z’iyo ndirimbo, Ngangari, igaca ija mu kibanza ca 3 mu ndirimbo zimaze kurabwa cane ziwe. Iya 2 akaba ari Sugua igeze kuri views 669,000.
Abafana ba Big Fizzo bakaba bafise agahinda gakomeye, kuba uwo muririmvyi atarabasha kuronka izo Views, Kandi abana amaze gufata ukuboko, canke n’abandi bana bacaruka babandanya bazikwiza ku bwinshi.
Uwushikiriwe mu misi ya Vuba akaba Ari Alvin Smith ku ndirimbo yiwe Akadaje yakoranye na Juno Kizigenza, igiye gukwiza Views 1,000,000. Ubu ikaba igeze kuri Views 908,000, Kandi ikaba Ari nayo ya mbere mu zimaze kurabwa cane Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube, runabarizwako ama Film atari make, n’ayandi akijako.
Naho wumva abatari bake mu bafana ubwanwa bwafutse umunwa, Big Fizzo we akatari gake avuga ko ivy’ama Views, ngo aho bigeze, ngo niho ageza ubushobozi bwiwe, kuko adashaka kubaho nkuko atari, ngo ntakenera kwigereranya n’abandi noneho yisange yamaze kugura ama Views, nkuko abatari bake avuga ko babikora.

















