Entertainmenthomepage

Aime- M bwabundi yakoranije aba Tanzania mu ndirimbo yiwe

 

Mu makuru yacu duheruka kubashikiriza twababwiye k’umuririmvyi Aime M asanzwe akorera ibikorwa vyiwe muri Reta zunzubumwe bwa Amerika indirimbo yiwe yavuze ko isohoka igenekerezo rya 26 Ruheshi 2023 isango ryabaye ntabanduka icahindutse ni Rude Boy kumbe n’izina ry’indirimbo.

Witegereje ukuntu yari yanditse benshi bibajije ko agomba aririmbane n’umuririmvyi wo muri Nigeria yitwa Rudeboy yanditse ATI:”Rudeboy 6.26″.

Ariko nyabuna yegeranije abaririmvyi b’aba Tanzania baririmbana indirimbo yitwa “Rudeboy”
Mr Blue,Billnas,Stamina bose yabegeranirije hamwe muri iyo ndirimbo.

Iyo ndirimbo ikaba iri kuri youtube yitwa “AimeMofficial” kubitirayo namwe mwirabire ngo amaso y’uwundi ntagushimira umugeni.

Iyo ndirimbo akaba yarayifatiye amasanamu igihe yaheruka mu Burundi 2022 yaciye akubitira muri Tanzania mu bikorwa.

Nubwo biri uko akaba atarashima kuvuga ibikorwa vyose yakoreyeyo kuko yatanguye kurekura indirimbo yakoranye na “Zee” umutanzaniyakazi Ubu naho akaba arekuye iyi” Rudeboy”

Akajambo kamwe kuri Aime – M murakunda uku kuntu akunda gukorana n’aba Tanzania canke?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763