homepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Big fizzo araremesha abashaka indirimbo ya Rap

Hari mu kiganiro c’ikibiriraho Farious yakoreye ku rubuga rwiwe rwa Facebook mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2022, aho yagerageje kwishura bimwe mu bibazo yariko arabazwa n’abakunzi biwe. N’ubwo ubutumwa bwabaye bwinshi atashoboye kubusoma bwose yaremeye ko uwuza kumubaza kuri message isanzwe aza kumwishura.

Bimwe mu bibazo yagerageje kwishura yabajijwe kubera iki hari abaririmvyi ushigikira n’abandi utabashigikira? nawe agira ati: “ico kibazo nabo baririmvyi barashobora kucibaza kuko jewe nshigikira abaririmvyi bose gusa iyo utanyubahiriza twubahane ugeze ku ruhande ukavuga utujambojambo ntampamvu yo kubeshanya ngo turashigikirana.”

Ku kibazo kivuga kubera iki yahevye umudiho wa Hip pop, yagiz ati :” Rap sinoyiheba kuko niyo natanguriyeko ninayo yandeze sinoyiheba mundindire n’ingombwa 2022 muzokumva ibikorwa ni vyinshi ndabateguriye”.

Ku vyerekeye igiteramo c’igekerezo rya 5 Ntwarante 2022 yari yatumiwe muri Tanzania ngo ntazobonekayo ku mvo z’akazi kahuye kuko iyo tariki yahuriranye afise ikindi giteramo iyasanzwe abarizwa ubu mu Bufaransa.

Yarangije ashimira abakunzi biwe bose bamukurikiranye yongera abasaba gushigikira umuziki wose mwiza bataravye ngo ni uwa naka canke naka.

Yagize ati: “Hari ibihugu bitadusumvya umuziki ariko biteye imbere kubera kwitaho ivy’iwabo rero natwe dukoreye muri ubwo bumwe haracari icizere ko umuririmvyi ashobora kurya kuvyo yabiriye akuya”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686