homepage

Big Fizzo ashobora kuzakira uwundi mwana muri Bantu bwoy

Inyuma ya Kirikou Big Fizzo yemeye guha ikaze muri Studio yiwe uwundi mwana muto ngo agende bamukorere indirimbo. Ivyo big fizzo akaba aheruka kubimenyesha aho amwumviye ariko araririmba indirimbo yiwe yise Stein.

Kuri Podium mu ntara ya Rumonge, Big Fizzo yabwiye uwo mwana w’umuhungu ko amwemereye kumukorera indirimbo mu nzu y’ubuhinyanyuzi yiwe The Bantu bwoy Ent. Akaba yamubwiye ko atazomurihira uburyo bwo kwiyunguruza, ariko ko umusi yahashitse atazoreka kumukorera iyo ndirimbo.

Inzira isa n’iyo nyene niyo yafashwe ngo bikunde umuririmvyi Kirikou yakirwe muri label ya Bantu bwoy, Aho ubwa mbere nkuko Kirikou abivuga  ngo bahuriye muri Concert yabereye I Ngozi aho Big Fizzo yarikumwe na T Max.

Uwo mwana niyerekana ico ashoboye, Big Fizzo akaba ashobora kuzomwakira nawe nkuko yabikoze kuri Kirikou, aho yamwakiriye inyuma y’igihe kitari igito amwemereye kumufasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686