BurundiEntertainmenthomepage

Big Fizzo muri Gerra Plaza, yashitse mu giteramo bamwe baruhimvye abandi bamaze gutaha

Abakunzi b’umuziki baramaze kubitahura kuko basidukanye n’iyonka gushigikira abaririmvyi babo mu bunwero Gerra Plaza, n’ubwo imyidogo yo itabuze kunvo zuko bari bakumbuye Mugani akabashikira bugira buce.

 

Igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2023 iryavuzwe ryaratashe, abaririmvyi nka D- One,Vichou,Double J ,Big Fizzo bose barishikiye kuryohera abakunzi babo, kw’injira vyari ibihumbi 10 ahasanzwe na 20 muri V.I.p , ariko abantu baruzuye kuburyo n’abandi babura iyobahagarara.

Amasaha yarategekanijwe yari isaha imwe y’ijoro nubwo umuririmvyi wambere D- one yatanguye kuririmba isaha zibiri zirenga hakurikira Double J Hama vichou Love mu nyuma Big Fizzo.

Umuririmvyi ubona ko yarakumbuwe cane yari Big Fizzo narirya yaravuye mu Bufansa batari bamuherutse kuri Stage.

Ariko nubwo biri uko ivyagiye guca intege abari ngaho nuko Fizzo yaje kuririmba amasaha akuze cane nk’isaha icenda buriko buraca. Nubwo baba bariko barihereza urukanywa hari abo yaje kuririmba rwabarenze cane abandi bahisemwo no gutaha.

Mwomenya ko mu baririmvyi bari batumiwe ata n’umwe atashitse, kandi bose bakoze ibiteramo biryoshe, ndetse n’abantu barerekanye ko bafise umutima wo gushigikira abaririmvyi babo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 728