IKIRUNDI_news

Big Fizzo na Esther Nish ngo bariko bitwara nabi

Big Fizzo ntariko abonwa neza n’abafana bamwe bamwe kubera uburyo ariko yishura abari mw’ihiganwa rya Nanje Ndaririmba. 

Mu ka Video kagize imisi gakwirakwizwa Big Fizzo nta mpuhwe asa n’uwagiriye umwana w’umwigeme yari muri iryo higanwa mu gihe vyari bihejeje kumunanira gushikira ijwi yategerezwa kuririmbirako.

Kuri Sondage yakozwe n’urubuga Bestof257 rwo kuri Instagram twabashije kubona, Big Fizzo ngo ku bice 81% abantu bashuye abona ko Big Fizzo atamworohereje uwo mwana.

Abafana ntibaraba ribi uwo wenyene, kuko na Esther Nish nawe atarabwa neza na bamwe bamwe kuko ngo yabonetse ariko afata amasanamu abaririmvyi biboneka ko vyariko birananira kuririmba. Umuririmvyi Jay Fernando asanzwe abarizwa ku mugabane wa buraya nawe yanditse kuri Instagram amubwira ko iyo ngeso atariyo.

Mwomenya ko abaririmvyi batandukanye bafashwe nabi mu mahiganwa hirya no hino kw’isi, aribo uno musi bahagaze neza muri uno mukino. Aho twobaha akarorero k’umuririmvyi Harmonize muri rimwe mu mahiganwa y’ingabire nshasha muri Tanzania, aho yafatiwe mu rwara n’abatanga amanota, ariko mu myaka mike ubu ari mu bakomeye muri iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036