Entertainmenthomepage

Big Fizzo na Nelly Nat bakoze Kuri Meili birakomera

Naho ata cemezo gihari, birashoboka ko ubutumwa Big Fizzo yatanze ku rubuga rwiwe rwa Facebook, bwakunzwe n’abarenga 1000 mw’isaha 1 gusa, bwaganishwa gukosora ubwo Meili yatanze Kuri TikTok.

Ibintu birakomeye, inyuma ya Video yakozwe na Meili yari igize imisi itavugwako rumwe ku rubuga rwa Tiktok, igaruka ku bakobwa bafise abo bagendana ataco babakorera, Big Fizzo nawe abishizemwo ikirenge.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo mugabo abarizwa mu Butariyano, nkuko vyabonetse Kuri urwo rubuga, yanditse asa n’uwubeshuza uwo muririmvyikazi naho atamuvuze mw’izina.
Big Fizzo kubwiwe abona ko abakobwa bari bakwiye gukora cane bakegeranya amafaranga yabo, hako baguma bazeye inze ku bagabo baba bagendana nabo.
Igituma Big Fizzo abibona uko, ngo n’uko umugabo aguha vyose atigera aguha agaciro na rimwe, ariko ngo umugore ashobora kwikorera 50% y’ivyo umugabo yokora, ngo uwo umugabo aramwubaha.
Yanditse agira ati:” Umugabo si so canke nyoko, ba mwiga gukora murondere ivyanyu, ninaho umugabo azokwubaha… Nayo kwama uriko urasega usaba inoti nta gaciro bitanga!!! Umugabo si Compte bancaire yawe ugirako retrait y’ayo ukeneye gukoresha!!! ahubwo kora cane ureke kurindira ko aguha ayo kwisukisha canke gukora inzara, etc. Etc . Nico gituma kenshi ata gaciro babaha.
Nta Mugabo yogusungarako canke atoreka kuguha agaciro ukora 50% y’ivyo yogukorera.”
Muri ubwo butumwa bwakunzwe n’abarenga 1000 mu mwanya ungana n’isaha imwe gusa, uwo muririmvyi yagarukanye uburorero bw’ibintu vyaheruka gushikirizwa na Meili ku rubuga rwiwe rwa Tiktok.
Igice kinini c’abagize ico bashikiriza Kuri ubwo butumwa, bakaba bagarukanye iyo Video yaheruka gukorwa na Meili Kuri urwo rubuga. Aho bamushigikiye bamubwira ko agize neza gukosora amakosa yaheruka gukorwa na mushikiwe Meili.

Abandi nabo bakaba bavuze ko bari bibajije ko aribo batahura nabi, none ngo basanze bwa bundi nabo barashe mu kazingi, kuko babonye ko na Big Fizzo avyumva nkabo.
Naho harimwo abo bavuze rumwe batari bake, n’abo batavyumva kumwe n’abo babonetse. Kuko harimwo abavuze ko ariko ahanura abantu ibintu nawe vyamunaniye, kuko ngo ivyo ariko aravuga bitandukanye cane n’ubuzima asanzwe abamwo.

Ubwo butumwa bwavugwa bwatanzwe na Meili, uwo muririmvyi akaba asanzwe aharurwa mu baririmvyikazi b’abarundi babashije kugira ico bishikanako, kuko amaze kwerekana ibitari bike amaze kwishikanako, birimwo kuba afise akabare kitwa The key Bar.
Meili muri ubwo butumwa akaba we yavuga ko abakobwa baba basa nabi, ngo badakwiye kuja mu bantu ngo bavuge ko bafise abo bagendana. Kuko kubwiwe ngo umuhungu ataco aragushikanako mu myaka 5 iheze, ngo ntaco azopfa akumariye.
Kubwa Meili Kandi ngo uwo muhungu nyene ngo nimba ataguhaye amafaranga mutararushikamwo, ngo nta cizere c’uko mumaze kurushinga hari ico azoguha.
Ubwo butumwa nyene bukaba bitakiriwe kumwe Kuri urwo rubuga, kuko commentaire zahabonetse zitarabishwa hamwe.

Bamwe bakaba bamushigikiye banarabisha hamwe na Mow Kanzie wa kera, ariko abandi bakaba baraba ku rundi ruhande.
Bamwe bakaba bavuga ko ivy’ukurondera amafaranga arivyo bibari mu mutwe, gusumba kurongorwa kuko ivyo bisa nkaho bitakibaraba.
Abandi nabo bakaba badatahura igituma abakobwa batofata abagabo nk’abami, imbere yuko bafatwa nk’abamikazi.
Ubwo butumwa Kandi bukaba busa n’ubwagarutsweko na Nelly Nat, aho ataretse kuvuga mw’izina, ariko yaciye acisha kuri Mow Kanzie mu gusa n’uwuhanura.
Nelly yanditse Ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp, ko Mow Kanzie ariwe muririmvyikazi utazokwumva mu nsaku, ngo ntiyigera aja mu gushwana n’aba na bariya, ahubwo ngo n’umugenzi w’abaririnvyi bose.

Ikirengeje uwo mugwizatunga muvya ba Mukerarugendo yashikirije n’uko hampande yo kuba afise Ingabire nyinshi zirimwo kuba MC, Gukora Voix off, gukora Publicite Video, Queen Vixen, kuririmba, kwandika, kuba umunyamideri, ngo asanzwe afise n’amashure akwiye.
Kandundura ngo niwe muririmvyi afise imodoka nziza Kandi Yiguriye. Ako kantu ko kwigurira akaba yanaciye agasubiramwo.
Nelly akaba Kandi ari mu bakunze kuvuga ko abakobwa bo mu Muziki hano iwacu, bahongwa amafaranga n’abagabo. Aho kubwiwe avuga ko ivyo bintu bitabereye. Akaba abona ko abaririmvyikazi bari bakwiye gukora cane.
Meili akaba kubisanzwe atarabana ryiza n’uwo mugwizatunga, kuko akatari gake amaze kumuvugako ibintu bidahumurije urundi ruhande.

Ubu butumwa rero bwatanzwe na Nelly Nat co kimwe n’ubwatanzwe na Big Fizzo hakaba hakirindiriwe uwuzohava abwishura.
Umwe muba Promoter akaba yanditse muri Commentaire muri irya Post ya Big Fizzo, ngo ararindiriye arabe ikibweja.
Bisigura ko uwo muririmvyi yateye mu mwijima ibuye, ngo uwuza kugira ico yishura niwe aza kuba yafashwe n’iryo buye.
Ubwo butumwa Meili yatanze Kuri TikTok bukaba mu misi mikeya bugiyeko, bwabaye ubwa mbere burabwe cane, ariko Kandi mu mwanya muto. Gushika dukore ino nkuru bukaba bwari bimaze kurenza Views 22,000.
Nayo urwo rubuga rwiwe rwa Tiktok, rukaba rwari rufise abarukurikirana barenga 3000, akaba Ari mu batarukoresha cane, bitandukanye na mugenziwe Big Fizzo we arukoresha gose, Kandi amaze gushikana abamukurikirana barenga 20,000. Ibica bimushira mu baririmvyi 5 ba mbere b’abarundi bakurikirwa cane Kuri TikTok.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 705