Entertainmenthomepage

Simbizi aragumutse ngo Big Fizzo na Sat-B s’aba Legend

Mu misi iheze duheruka kubashikiriza inkuru yavuga ku vyashikirijwe na DJ Paulin ku baririmvyi b’inararibonye bakunze kwita aba Legend, aho yavuze ko inararibonye igihema ari Bahaga gusa abandi bavyiyita, none ubu naho n’uwundi abivuzeko.

 

Umugabo azwi nka Simbizi wa Semavumba, akunze kutabona kumwe na bose ibijanye n’iterambere ry’umuziki wa hano iwacu, yashikirije ko abaririmvyi nka Big Fizzo badakwiye kwitwa Inararibonye.
Igituma abibona uko ngo nuko vy’ukuri ata ndirimbo zabo zisubirwamwo mu biteramo bimwe bita ama Karaoke, Kandi uwo Muziki babitira inararibonye ngo ataco biboneka ko wabamariye.
Kubwiwe ngo ahubwo aba Legend bariko baravuka, kuko uru runganywe arirwo ruriko ruratangura kwubaka ibintu vyiza, kuko aribo batanguye kuja gukora ibiteramo mu mahanga bavuye mu gihugu. Nayo abandi ngo siko biri.
Ibi bikaba Bizoba bishatse gusigura ko abaririmvyi nka B Face, Drama T, Vania Ice canke Double Jay ( barimwo abaririmvyi abatari bake bavuye muri Bantu Bwo Kwa Big Fizzo, basigaye bafashwa na DJ Paulin) aribo Simbizi ariko avuga ko mu misi iza bazokwitwa aba Legend.

Kubwa Simbizi ngo Big Fizzo na Sat-B, ngo ntibakwiye kwitwa Inararibonye, kuko n’ibisabwa n’inzego z’igihugu ku bijanye n’ukwandika neza co kimwe n’ugukora amasanamu meza, ngo abo baririmvyi ntibabikurikiza, agatanga akarorero k’indirimbo zahagaritswe zirimwo Hug me More ya Big Fizzo na Ado Josan.

Akaba Kandi yongeyeko ko kuba umuririmvyi amaze imyaka myinshi aririmba, ngo bidakwiye gufatirwako, kugira hamenyekane ko kanaka ari inararibonye muri uwo Muziki.
Ibi bikaba bije mu gihe iryo jambo ry’ubu Legend rikaze cane, aho abaririmvyi batandukanye badasiba kugwanira iryo zina ry’aba Legend.
Ku bavyibuka, muri iyo nkuru ku bijanye n’aba legend twari twagarutse ku bijanye n’abavuzwe, uko ivyo vyashikirijwe na DJ Paulin, bishoboka ko yoba yariko avuga Big Fizzo na Kidum kuko aribo baheruka nabo kumuvugako, Kandi mu bihe bisa nkaho bisa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706