IKIRUNDI_news

Big Fizzo ngo ivyo Kirikou arimwo muri iyi misi ashobora kuba ari uruyeri 

Big Fizzo aragabisha abakurikirana umuziki ndundi ngo bamenye ko ivyo bumva canke babona Kirikou ariko arakora vyose, bishobora kuba bitarivyo, ahubwo ari uruyeri kuko ashobora kuba afise ikindi agamije. 

Mu kiganiro yagiranye na Magic Chanel Tv, Big Fizzo yabajijwe ivy’ikinjura ry’umuririmvyi Kirikou, asubiramwo ivyo bari bashikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru aho yavuga ko abo baririmvyi banse gusubira kandi kuja musi y’uburongozi bwa Bantu Bwoy.

Ku kibazo c’ivyavuzwe hirya no hino, na cane cane c’ubuzima bwahavuye buba bubi inyuma y’ugukinjura muri Bantu Bwoy, uwo muririmvyi avuga ko bidashoboka ko bwahindutse mu mwanya muto, kuko kanatsinda hari n’amahera yaheruka guhabwa nk’akaganuke.

Big Fizzo yongeyeko ko ayo ashobora kuba ari n’amayeri ariko arakoresha, kugira bikunde igikorwa gishobora kuba kiri mu nzira, noneho kironke kurabwa cane.

“N’igiki kikubwira co ashobora kuba atari uruyeri (SHowbiz), hari urundi ruyeri rukorwa, ugasanga uriko urisobeka wewe nyene. Deja hari umuntu aguhaye 1,000,000, Hiere, hama uno musi ugaca uvyuka ukavuga ngo ubuzima bwanse.”

Big Fizzo ariko ntanadeha ko budashobora kuba bumeze nabi, ariko akaba avuga ko vyoba bibabaje cane kuko imiryango ya Bantu bwoy bababwiye ko yuguruye. Ngo yotuma aba umwana w’icangazi ariko akagaruka mu ruhongore.

Mwomenya ko Big Fizzo ingingo yo gusubira ku gatumba kubera ivy’umuziki vyahagaze I Bujumbura, uwo muririmvyi yabigarutseko, noneho asubira I Bujumbura gukora ibikorwa vy’umuziki. Abatari bake bakaba baryoherewe iyo ngingo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037