IKIRUNDI_news

Big Fizzo ngo ntiyiteze gukora amakosa yakozwe na Natacha kuma Collabo Mpuzamakungu

Mu kiganiro Big fizzo ahejeje guha abamenyeshamakuru ku bijanye n’isabukuru ry’ukwikukira (Festival de l’independance), rizoba ku magenekerezo rya 2-3-4/7, yagarutse ku bikorwa bimwe bimwe vyari vyamujanye muri Tanzania aho aheruka gukorerayo urugendo.

Uwo muririmvyi yavuze ko hari indirimbo yakoreyeyo, zirimwo ama Collabo arenze imwe, kuko iyo bakoranye na Juma Jux yo yari isanzwe izwi kuko n’amasanamu yamaze no gukorwa. Ibiza bishimangira ivyo yaheruka kuvugira muri Live ya Instagram aheruka gukora, aho yamenyesheje ko hari ama Surprise ahari mu bikorwa yakoreye muri Tanzania.

Muri ico kiganiro yavuze ko hari n’umugambi wo gukorana n’abaririmvyi barimwo Rayvanny, Darassa hamwe na Harmonise. Ariko Big Fizzo akavuga ko ata mugambi afise wo guhuruduka nkuko vyamubayeko muri kahise, canke uko abandi bariko barakora.

Mu bantu bagarutsweko ko batifashe neza mu ma Collabo bakoze, ni Natacha aho atashimye kumuvuga mwizana, ariko akavuga ibimenyetso bitandukanye bimurabishako. Akaba yavuze  ko iyo ndirimbo ataho yamushikanye kubera ata mpinyanyuro nziza y’uburyo bizoca bigenda (Strategies) yigeze akoresha.

Mugani yagize ati :“Hariho mushikiwacu yiyita Umwamikazi [Queen] yakoranye Collabo n’igihangange [je noronka irya Chance], ariko yamushikanye hehe? Ni kwakundi gukora gukora vy’igihutihuti, ugomba kwerekana… ” 

Big Fizzo ntiyaretse kandi no kumenyesha ko ivyamubayeko kuri Collabo yiwe na Ice Prince umunya Nigeria vyamubereye icirwa gikomeye.

Mwomenya ko indirimbo yakoranye na Jux irindiranywe igishika cinshi kuva Jux atumirwa na Bantu Bwoy mu giteramo I Bujumbura,  none iyo nyota iza kwiyongera amaze kuboneka arikumwe na Jux muhira iwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037