EntertainmenthomepagekirundiUncategorized

Big Fizzo ngo yasize yakije umuriro aca arigira

Big Fizzo yasubiye i Buraya, aho yaramaze imisi, inyuma yo gukora akazi yari yahamagawemwo. Ako nako kakaba kari ako gukora igiteramo, igihe hugururwa inyubako Guerra Plaza mu kamenge.

Uwo musi Big Fizzo akaba yashikirije amajambo yatumye haduka intambara y’amajambo n’ubu itaracureha, none bamwe bamwe batanguye kuvuga ko uwo muririmvyi yasize yakije umuriro aca yifatira indege.
Uwo muririmvyi muri Video yafashwe ari muri rutema ikirere, yagarutse Kuri ka kajambo kagize imisi gaharawe, aho bavuga ivy’ukunuka. Big Fizzo yumvikanye avuga ko asubiye I Buraya kurondera aga Parfum Kugira azogaruke ari Ngangari.
Muri Commentaire ya Post yanditswe n’ikinyamakuru Akeza abakurikirana urwo rubuga bavuze cane Kuri iyo nkuru, kuko kubwa bamwe ngo ari imbonekarimwe.
Bamwe bavuze ko Big Fizzo yarakwiye kuva I Bujumbura ari uko abanje guheza ikibazo gihari kijanye n’ivy’abadimudimu, n’ikibazo kijanye n’amajambo yavuze, kuko ngo hari abafana basigaye bararugwana Kandi ataribo barutanguje.
Hampande y’abo, hari n’abavuze ko Big Fizzo ariko yama ngo buri gihe asiga biriko biraka agaca yikurira ikirenge akigendera.
Big Fizzo Kandi yibukijwe gusaba ikigongwe, kubera bimwe yashikiriza. Naho ibiboneka we kubwiwe ashobora kuba ata mugambi afise.
Ibi Big Fizzo abishikirije mu gihe haheruka gushikirizwa na Simbizi ko muri Management ya Bantu Bwoy, Big Fizzo abarizwamwo ngo hariho ivyo badafise Kandi arivyo vyari ngombwa kugira abashe gutera imbere.
Muvyo uwo Mugabo yashikirije ngo Bantu Bwoy irabuze umuntu ajejwe Communication ahanura Big Fizzo ivyo akwiye kuvugira mu bantu, n’ivyo akwiye guhora, kuko vyose ngo atari ivyo kuvugira ahari abantu benshi.
Mukamenya ko Big Fizzo asubiye I Buraya mu gihe be na Manager Stein n’umugore wiwe baheruka kwemerera abafana Indirimbo Ngangari, naco kikaba cagarutsweko muma Commentaire aho abantu babazanije nimba uwo muririmvyi yoba agiye asohoye ya Ndirimbo yaheruka kwemera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 778