Entertainmenthomepage

Big Fizzo yamaze kwambarira urundi rugamba

Uko imisi ihera, niko haboneka ko Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo ariko ategura intambara, Kandi itazoroha.

Inyuma y’intambara yavuze ko yatanguye n’umudimudimu, akabivugira muri Guerra Plaza mu Kamenge, uwo muririmvyi asubiye Kandi kuvuga ibijanye n’ukugwana.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi Kuri uyu wa Kane yanditse ko hari igitigiri c’abantu ahuye nabo hazoca uwambaye, kuko akavuze abarundi, ngo aho bazogwanira nta catsi kizohamera.
Big Fizzo yanditse agira ati :” Har’abantu nitwahura, nzodida, canke bandide…”
Ubwo butumwa bukaba bwavugishije abatari bake mu bamukurikirana Kuri urwo rubuga, aho bamwe banagiriyeko basa n’abamukebura.

Mu bagize ico bavuga habonetsemwo abamenyeshamakuru co kimwe n’aba Comedien nka Mutima.
Bamwe bakaba bamusavye kuraba neza, kuko nkuko nawe nyene yavyivugiye, ngo ashobora kugenda yizeye gutsinda iyo ngwano, ariko bikarangira asanzwe ariwe akubishwe.
Muribo hakaba hari n’abavuze ko yobireka, kuko ngo ugukubitwa kwiwe biramutse bibaye, ngo vyonakoza isoni abafana ubwabo.

Abandi barimwo umu Comedien Mutima bakaba bemeza ko uwo muririmvyi atawomucarukana, gutyo ngo ntazotsindwa iyo ngwano, ahubwo azoyitsinda.
Muri izo commentaire, uwo muririmvyi Kandi yanabajijwe uburyo azobikoramwo, kuko abo bafana bavuze ko uburyo bwo kudidamwo umuntu, ngo ari bwinshi, ariko akaba atashizemwo ubwo azokoresha.

Hampande y’ababajije ubwo buryo azokoresha, abandi n’abo babajije abo bazodidwa abaribo, kuko harimwo n’abatanguye gutanga intonde, aho umwe yamubwiye ko aramutse ahejeje gukuramwo DJ Paulin, ngo yoca amurya urwara akamuherekeza muri iyo ntambara.
Ibi Big Fizzo akaba abishikirije mu gihe hari Indirimbo yiwe yise Ngangari, aheruka gushira ahabona, iyo nayo ikaba igaruka ku bukomezi bw’uwo muririmvyi, kuko yerekana uburyo ivyo akora bitandukanye n’uburyo bikorwa n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 708