Entertainmenthomepage

Kidum azakwakirwa na Shaddy Boo mu giteramo mu Bubirigi

Ibintu bishasha biguma biboneka ku rubuga ku bijanye n’igiteramo ca Kidum I Buraya, neza neza mu Bubigiri.
Inyuma yo kubona abaririmvyi n’aba Slameur b’abarundi bazoboneka mu giteramo ca Kidum I Buruseri, ubu naho hamenyekanye ko na Shaddy Boo azoba ahibereye.

Uwo mugore asanzwe muri ino misi abarizwa i Buraya, hamenyekanye ko ariwe azo Hosting ico gikorwa muri ico gihugu c’Ububirigi, nkuko vyabonetse ku mbuga zitandukanye zirimwo iz’aba Promoter bariko barakora muri ico giteramo, hamwe no mu binyamakuru mu Rwanda.

Aho n’inyuma yaho Big Fizzo amenyeshereje ko yahuye na Shaddy Boo I Buruseri, ngo yasanze uwo mugore ari umu Ghetto Gyal nkuko yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Iki giteramo kikaba citezwe muri ico gihugu Kuri uyu wa gatandatu, aho ashobora kuzokwakirwa n’abantu bakuze kuko ata wuri muri urwo runganywe rwiwe yaheruka gutemberera ico gihugu, Kandi n’abakuze baheruka kumenyesha ko vy’ukuri ari akanyamuneza gusubira kubona Kidum i Buraya.

Kidum akaba atazokorera I Buruseri gusa, kuko hari n’ibindi biteramo bimaze kumenyekana ko bizokorerwa Kuri uwo mugabane, Kandi bikozwe n’uwo muririmvyi nyene.
Ku batabimenye Kidum akaba yafashanije na Kiyoyo Juma, Umurundi asanzwe aba i Burayi, anamenyereye gutegura ibiteramo vy’abaririmvyi b’abarundi, kuko amaze gukorana n’abaririmvyi nka Big Fizzo na Kidum mu biteramo vy’i Burayi, Amerika na Afrika y’epfo.
A
ariko akaba atariwe ategura ivyo biteramo vyose, kuko abandi bo muma Community atandukanye yo mu bihugu vyo Kuri uwo mugabane, baca bamwakira kuko yamaze gushika I Buraya, ngo bikunde babashe kumutegurira ibiteramo mu bihugu babamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707