homepage

Big Fizzo yavuzweko vyinshi birimwo n’ikibondo gishasha

Mu gihe Big Fizzo atariko abarizwa i Bujumbura muri ino misi, uwo muririmvyi abandanya avurwako ibitari bike, birimwo n’ugusubira guhezagizwa ikibondo. 

Uwo muririmvyi amakuru ya nyuma twaronse yavuga ko abarizwa mu butariyano, akaba aheruka kumenyesha abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko hari gishasha buca ashira ahabona. Ha kuvuga ico gishasha n’igihe kizoshirirwa ahabona, yabihindukirije ku bakunzi b’ibikorwa vyiwe, ababaza ico bibaza ko azoshira ahabona. 

Abakunzi b’ibikorwa vyiwe kandi bakurikiranira hagufi ibica ku rubuga rwiwe rwa Facebook, akoresha gake, bakaba bagize ico bashikiriza mu buryo butandukanye. Bamwe bakaba bagize ico bashikiriza muri Commentaire, abandi nabo babisangiza abandi, Share, nayo abandi bakunda iyo shusho, Like. 

Ibivurwa kuri Big Fizzo vyo si bike, kuko havurwa ishusho yariko irakwirakwizwa hirya no hino y’umuntu yabonetse afashe ku nda y’umuvyeyi, biboneka ko akuriwe. Uwo bakaba bavuga ko yoba ari Big Fizzo.  Ivyo bakabivuga bafatiye ko intoke ngo zisa n’iza Big Fizzo. Ivyo bikaba vyatanguye kuvurwa kuva acerekeza mu butariyano aho yagiye mu karuhuko, ariko bamwe bakemeza ko yoba yagiye kugira umutambukanyi wiwe ahibarukire.

Tukaba tutarabasha kuronka abari muri Bantu Bwoy ngo bagire ico bashikiriza kuri iyo nkuru y’uwo mwana bivurwa boba buca bunguka. 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671