BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Preeze yavuze kw’ibura ry’amasanamu yari yemeye

Naho atamenyesheje ryari kazobonekera,Preeze yasavye imbabazi kuba katabonekeye igihe, ariko akavuga ko ari ukugira hashirwe ahabona igikorwa kimeze neza.

Mu gihe yari yamenyesheje ko azoshira ahabona akaririmbo gashasha ku musi wa 3, Preeze yahavuye amenyesha kuri urwo rubuga nyene rwa Facebook yari yamenyeshejeko ko aza kugashira ahabona, ko katakibonetse.

Imvo n’imvano ngo n’ubuhinga bw’ivyuma butabashije kubakundira we n’umuhinyanyuzi yariko aragakora. Preeze akoresheje ururimi rw’icongereza akaba yagiriyeko asaba imbabazi ariko akabizeza ko umwanay n’umwanya kazosohoka.

Preeze akaba yavuze ko ayo masanamu ya “Ikirara” yashimye kubanza kibangira kuyasohora kugira ntahave ashira ahabona ibintu bidakwiije, ariko ashire ahabona igikorwa kimeze neza gusumba.

Mwokwibuka ko Preeze avuze ko kagiye gushirwa ahabona inyuma y’igihe hashizwe ahabona akaririmbo arikumwe na Big Fizzo, ako kakaba kamaze gukundwa n’abatari bake. Bakaba bakise Cakira

What's your reaction?

Related Posts

1 of 762