IKIRUNDI_news

Big fizzo yoba nawe agiye guhamvya bagenziwe muri Politique?

 

Abaririmvyi batari bake baramaze kugerageza kwinjira muri Politique mu bihugu bitandukanye birimwo n’ivyo muri Africa y’Ubuseruko, nko muri Kenya, muri Uganda, muri Tanzania co kimwe na hano iwacu. Bamwe barabashije kwinjira muri urwo rukino, ariko abandi bikaba bitabakundiye.

Big Fizzo nawe yabajijwe na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda nimba nawe hari umugambi afise uwo kwinjira muri Politique mu Burundi, nkuko abandi baririmvyi bakomeye babikoze muri kano karere. Yishuye ko bitigeze bimuzamwo kuzokora Politique, ngo n’ikintu atigeze yumva ko yokora.

Yagize ati : “ Sinibona muri Politique, ni nka kwa kundi yezu yavuze ati ivya kayisari mubihe kayisari n’ivy’Imana mubihe Imana. Kuri jewe polique, wapi! Kuko buriya Politique ni umutwaro munini cane mbona ko ntashobora guheka ku bitugu vyanje.”

Big Fizzo naho wumva atarota aja muri Politique, ngo ntibisugura ko abo baririmvyi b’ibihangange muri afrika y’ubuseruko bakoze ikosa, kuko buri muntu aba afise ico ashaka mu buzima.  Yongeye abwira ico kinyamakuru ko abo bayigiyemwo bashobora kuba bakuze bafise indoto zo kuja muri Politique.

Mwokwibuka ko hano iwacu umuririmvyi Nimbona Jean Pierre Kidum ariwe muririmvyi w’umurundi aheruka kugerageza kwinjira muri Politique, haka hari imbere y’umwaka wa 2010, ariko nawe ubu akaba avuga ko ata mugambi afise wo kuja muri Politique.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036