homepage

Bigiye gukunda ko umuntu aja kurara mu kirere

Ata gihindutse, mu mwaka wa 2020, Company y’abanyamerika Orion, yemeza izoba irungitse mu kirere inzu y’abahita bariko barubaka. Ivyumba bikaba vyaramaze kurangira.

Company yo mu gihugu ca Amerika, Orion, yemeza ko inzu y’abahita, Hotel, bariko barubaka ivyumba vyayo bimaze gufatwa imisi itari mike.

Iyo nzu y’abahita wumva ivyumba bimazw gufata imbere Yuki irangira, ngo n’iyiriko yubakwa izorungikwa mu kirere ca kure, Espace, aho abantu bazoryama baraba inyenyeri n’isi.

Ayo makuru dukesha ibinyamakuru mva makungu, avuga ko kugira bemera kugufatira ikibanza, abantu bategerezwa gutanga amafaranga $ 80,000, angana 223,200,000 vy’amafaranga ya hano iwacu.

Mwumva ko ari amafaranga menshi mwomenya ko kugira urwo rugendo ruzangure, uwafatishije icumba azoriha ayangana n’200,000$ ya amerika, ayo bakaba angana n’ 558,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu. Ayo akaba ari ay’ijoro rimwe.

Iyo nzu y’abahita zorungikwa mu kirere, ikozwe mu cogajuru, ikaba izorungikwa mu mwaka wa 2020, ariko hakazobanza ukubanza kwimenyereza ubuzimwa bwo muri ico kirere, imyimenyerezo ikazomara amezi 3 gusa.

Abanyamafaranga batari bake barimwo Jeff Bezos, nyene urubuga Amazon, aharurwa muri 3 ba mbere kwisi, akaba nawe amaze gutangura guhengamira muri ico ciyumviro co kurungika abantu mu kirere. Nawe akaba asa n’uwuriko ararangiza kwubaka iyo nzu y’abahita.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686