Uncategorized

Bimenyimana Bonfils arahakana ko atigeze yirukanwa muri Al Ahly Benghazi

Umukinyi w’intamba mu rugamba Bimenyimana Bonfils arabeshuza amakuru yaciye kumbuga ngurukanabumenyi avuga ko atirukanywe mu mugwi w’iwe asanzwe akinamwo Al Ahly Benghazi wo mu gihugu ca Libiya usanzwe ukina mu cicaro ca mbere.

Amakuru ajanye n’iyirukanwa ry’umukinyi Bimenyimana Bonfils yatanguye guhanwahanwa Ku mvuba zitandukanye k’umunsi wa wa kane igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2024, nk’uko vyagiye birandikwa n’uko umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu Rugamba Bimenyimana Bon Fils Caleb yatandukanya n’umugwi Al Ahly Benghazi adakinye urukino na rumwe.

Inyuma y’ayo makuru , Umukinyi Bimenyimana Bon Fils Caleb yahavuye abeshuza ayo makuru , mu kiganiro yahaye Indundi Culture, uwo mukinyi yavuze y’uko ariwe yahisemwo guhagarika amasezerano yari afitaniye n’uwo mugwi wo muri Lybia Al Ahly Benghazi bivanye n’uko kuva avunitse uwo mugwi ata kintu na kimwe urigera umufasha ari nayo mpamvu yatumye asaba ko bohagarika amasezerano biciye mu mwumvikano .

Uyo musatirizi arongera akavuga n’izindi mvo zatumye afata iyo ngingo ‘’ Al Ahly Benghazi bansavye ko ntegerezwa kugaruka gukina muri kuno kwezi kwa Ndamukiza nanje ndabankira mugihe ntarakira neza , baca bambwira ko bipfuza kuzana uwundi musatirizi nanje ndababwira ko atakibazo .

Ikindi Bimenyimana Bonfils Caleb avuga n’uko uwo mugwi wemeye kumuriha amafaranga yiwe yose y’umwaka amadorari ibihumbi 350.

Umusatirizi Bimenyimana Bonfils Caleb akaba akirwaye gushika ubu imvune yakuye mu rukino rwo kurondera itike y’igikombe ca Africa CAN c’umwaka wa 2024 rwahuje Cameroun hamwe n’Intamba mu rugamba rwari rwabereye mu Gisagara c’ i Garoua Igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2023 , aho U Burundi bwatsinzwe ibitsindo bitatu Ku busa (3-0).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55