homepage

Umukuru n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball yaratanze imihoho

Apôtre Jean Paul Manirakiza yaraye atanze imihoho mu mabanga yo kurongora Ishirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko ( Basketball) mu Burundi FEBABU atararangiza ikiringo ciwe .

Mw’ikete yandikiye umunyamabanga mukuru wa FIBA, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo urwaruka ,inkino n’imicokama hamwe n’uwuserikiea urwego rugenzura inkino mu Burundi ( Comité National Olympique du Burundi) , yamenyesheje ko atanze imihoho mu kibanza co kurongora iryo shirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko mu Burundi ( FEBABU)

Apôtre Jean Paul yatowe kurongora Ishirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko mu Burundi ( FEBABU) mu kwezi kwa 8 /08/2021, aho yitoje wenyene atorwa ku majwi ijana kw’ijana inyuma yo gutangwa n’umugwi Aigle Noir BBC .

Uwo Mugabo yaragiye arahindura ishusho ry’umupira w’amaboko wa Basketball aho imigwi nserukira gihugu yasubiye kwitabira inkino Mpuzamakungu, igaruka ry’abantu mu kibuga ca Département , kuzana uwurongoye FIBA Afrique mu Burundi , kuzana abahinga bihisha Abahagarikizi ndetse n’abamenyereza, abana baritabiriye amahuriro mu bihugu bitandukanye baherekejwe n’abamenyereza, ingendo zitandukanye yagiye arakora mu gukomeza ubucuti mu bihugu vy’Urwanda , Tanzania , Côte d’Ivoire , Africa y’epfo , America hamwe na Philippines, ukwinjira muri BAL nyezina biciye ku migwi , amasezerano atandukanye yarasinywe nka VIVA , Fondation Pax n’ibindi .

Apôtre Manirakiza naho hari ivyo yahinduye mu mupira w’amaboko (Basketball ) hari ibintu bimwe bimwe vyagiye bimugore mu burongozi bwiwe , nk’akarorero Igenekerezo rya 27 Nzero Umwaka wa 2024 mu nyubako za La détente mu gisagara ca Bujumbura harabaye inama ya bose ( Assemblée Générale) , muri iyo nama muvyo bihweje harimwo ugusuzuma ingene uburyo bwakoreshejwe mu mwaka wa 2023 ndetse no kwihweza ibigiye gukorwa mu mwaka wa 2024.

Bamwe bamwe imitwe yaciye ishuha kuko ntibigeze bahuza n’uburongozi bwa FEBABU kubijanye n’ikoreshwa ry’ubwo buryo , niko guca basaba ibintu bitatu:ko hoshirwaho umugwi ukora isuzuma ry’ikoreshwa ry’amafaranga ( audit financier );ko ibikorwa vya FEBABU bibe birahagarara mu kurindira icegeranyo c’ingene amafaranga yakoreshejwe ( audit finacier);ko hobaho iyindi nama yabose idasanzwe izokwihezwa ingene ivyavuye muri ico cegeranyo ( audit financier )

Ivyo vyose bikaba vyaciye bikurikiranwa n’abasanzwe bagize inama ya bose , munyuma niho guca basubira guhamagara iyindi nama ya bose bereka FEBABU ko harimwo ubunyonyezi mu bijanye n’ingene amafaranga yakoreshejwe.

Igenekerezo rya 4 Ntwarante 2024 , abagize inama yabose barandikiye ikete kandi Uwurongoye Ishirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko mu Burundi FEBABU Apôtre Jean Paul Manirakiza bamusaba ko hotegurwa iyindi nama idasanzwe yo kurabira hamwe ivyavuye mw’isuzuma ry’ubutunzi bwa FEBABU , bongere bafate ingingo zibereye . Abahuriikiye mu nama ya bose , abateye umukono kuri iryo kete bashika kuri 27 bakaba baciye bamusaba ko iyo nama yoba vuba bwango , mu kiringo kitarenze imisi 60. Ariko iyo nama ntiyigeze iba .

Isezererwa rya Dynamo muri BAL ryagirizwa Uwurongoye FEBABU Apôtre Jean Paul Manirakiza

Umugwi wa Basketball Dynamo BBC wararonse amahirwe yo gukatisha itike yo gukina inkino za BAL zabereye I Pretoria muri Africa y’epfo mu kwezi kwa Ntwarante , ibintu bitari bimenyerewe mu mupira w’amaboko Baskball akaba ari n’ubwa mbere umugwi wamuka mu Burundi witabira iryo higanwa .

Igenekerezo rya 09 Ntwarante 2024 , umugwi Dynamo BBC waritabiriye iryo higanwa rya BAL aho urukino rwa mbere bakinye n’umugwi CapetownTigers bawutsinda amanota 86 kuri 73, ariko uwo mugwi imbere y’uko ukina urwo rukino wari Wandikiwe n’uwurongoye FEBABU Apôtre Jean Paul Manirakiza awubwira y’uko utokwambara umwambaro uriko Visit Rwanda , Dynamo yaciye ihitamwo gukina urwo rukino ifuse izo nyandiko zari ku mwambaro wazo , urukino rugira kabiri naho nyene , Apôtre Jean Paul Manirakiza yasubiye kandi yandikira Dynamo hamwe n’abajejwe gutegura ihiganwa rya BAL ingenekerezo rya 11 Ntwarante 2024 abamenyesha ko Dynamo yobandanya ikina inkino zayo itambaye umwambaro uriko Visit Rwanda . Bukeye bwaho Igenekerezo rya 12 Ntwarante 2024 Dynamo yari guca ikina na Petro de Luanda , ariko urwo rukino ntiyarukinye bivanye no kutubabitiza amategeko agenga iryo higanwa y’imigwi yose kwambara umwambaro wa Visit Rwanda , na BAL yari yankiye Dynamo gusubira gukina bambaye umwambaro ufutse inyandiko za Visit Rwanda niho guca uterwa impaga.

Kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2024 , Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko muri Africa ( FIBA) ryarahagaritse FEBABU vy’agateganyo kumvo z’uko iryo shirahamwe ritubahirije amategeko n’ingingo zitanga FIBA n’a mahiganwa itegura, kandi bicafuza urukino rwa Basketball, rimusaba kwisigura kuvyabereye I Pretoria mu nkino za BAL , Birangiye Jean Paul atanze imihoho atarishura .

Mwomenyako ihiganwa rya Basketball ryo mu cicaro ca mbere n’icakabiri ritarasubira kuba inyuma y’amazi 9 irya nyuma ribaye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669