homepagesociete

Burundi: Integuro y’ibwirizwa rishasha rigenga intwaro yemejwe n’Inama nshingamateka

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati ari umutumire mu nama nshingamateka ku musi wa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza,iyo nteguro y’ibwirizwa ije kwisunga intunganyo nshasha y’igihugu igabanya intara n’amakomine; amazone n’imitumba canke amakaritiye bikongerekana.Iyo nteguro kandi irerekana n’ibisata bitegerezwa ku rugero rwose hamwe n’imyaka n’urupapuro rw’umutsindo rutegerezwa kuwipfuza kurongora kimwe muri ivyo.

Muri bishasha bigize iyonteguro y’ibwirizwa harimwo ko intara zigize Uburundi ziva kuri 18 zikaja kuri 5,amakomine akagabanywa gushika kuri 42 yamara amazone n’imitumba canke amakaritiye bikiyongera kuva mu mwaka wa 2025.

Izindi mpinduka ziri muri iryo bwirizwa rishasha rigiye gutunganya gushasha intwaro n’uko ata mushingamateka canke umukenguzamateka yemerewe gusubira kuja mu nama mpanuzwajambo z’amakomine.Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse agira ati: ” ntiboshinga amategeko ku rwego rw’igihugu ngo bongere basubire kuyashinga ku rwego rwo hasi.”

Ibisata vy’amazone n’amakomine bizokwiyongera.Abahanuzi b’uwurongoye zone (chef de zone) bazoba bafise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza.

Aha ni mu gihe abahanuzi bo ku mitumba canke amakaritiye babwirizwa kuzoba bakwije imyaka 25 y’amavuko.

Nayo mukwitoza mu kibanza ca musitanteri uwuhiganirwa ico kibanza abwirizwa kuba afise imyaka 30 mu gihe mw’ibwirizwa ryahahora yari imyaka 25.

Iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa irerekana ko komine izogira ibisata bibiri gusa.N’ukuvuga igisata nshingwantwaro (l’organe exécutif de la commune) kirongowe na musitanteri
hamwe n’igisata nshingamategeko (conseil communal ou organe de contrôle et de supervision). Aha kandi bitegekanijwe ko musitanteri atazosubira gusasa mu nama mpanuzwajambo ya komine (conseil communal).

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine azotorwa abanje gukora ikibazo hanyuma aheze yongere ace agenwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu (décret).

Integuro y’ibwirizwa rigiye kugenga intwaro y’amakomine ntiritomora ariko urupapuro rw’umutsindo rwa musitanteri. Amakomine ariko azoba yigenga (autonomie de gestion).

Komine ibwirizwa kuba ifise igitabo c’imigambi y’imitumba (plan collinaire de développement PCD) gitegurwa n’umukuru w’umutumba. Ibwirizwa kuba ifise kandi igitabo c’imigambi ya komine (plan communal de développement communautaire PCDC).

Iyo nteguro nshaha y’ibwirizwa ritunganya gushasha intwaro mu Burundi kuva mu mwaka wa 2025 abashingamateka bamaze kuyica hirya nohino bayemeje ijana kw’ijana.

Inkuru Yanditswe Jotham IRATUZI

What's your reaction?

Related Posts

1 of 670