Gospelkirundi

Blue Harmony igiye gukorana na Redemption voice mu giteramo cabo

Blue Harmony ni ishirahamwe rikorana n’abantu bose bakeneye gukora événement zitandukanye barabimufashamwo akarorero ushaka gutegura ibiteramo, Mariage, isabukuru ry’amavuko n’ibindi vyinshi vyose barabigufashamwo kugira bigende neza.

Iryo shirahamwe rikaba rirongowe na Apôtre J Paul Manirakiza.

Uno musi igenekerezo rya 15 Nyakanga 2022 bari bahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru mu kubamenyesha kimwe mu gikorwa bagiye gukorana n’umurwi Redemption voice kabaye n’akaryo ko gushira umukono ku  masezerano yemeza ukuntu bagiye gukora Blue Harmony na Redemption voice.

Bagiye kubafasha mu giteramo umurwi Rédemption voice bazokora igenekerezo rya 18 Kigarama 2022.

Ishirahamwe Blue Harmony rizofasha mu buryo buzoba bukenewe kugira igiteramo kize kigende neza.

Igituma batoye umurwi Redemption voice nuko ari umurwi ufise uburambe mu kazi kabo.

Nayo ku murwi Redemption voice bararemesha abakunzi babo yuko biteguye bikwiye hazoba harimwo n’abaririmvyi bavuye hanze .

Ngo bari no mu myiteguro yo guherahereza album yabo igira 4 izwi kw’izina rya “Yangiriye neza”
ikibanza iyo concert izoberamwo bazokimenyesha hanyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 457