BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Bobona ngo Stein niyatorwa azokore…

Bobona ngo ari mu gitigiri c’abazotora umuvyeyi Mama Eden mu kibanza c’umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi. Ivyo uwo muririmvyi akaba adahengeshanya kubishikiriza.

Ku rubuga rwiwe rwa WhatsApp kuri Status, uwo muririmvyi yavuze ko naho amushigikiye ngo arafise nawe ivyo aba yipfuza ko uwo muvyeyi azokora muri ico kiringo c’imyaka 5 azohabwa.

Bobona muri ino misi abarizwa mu gihugu, yavuze ko hageze ko abantu bariko baraja mu zabukuru ngo borondererwa ibindi bokora bakareka kuguma bagwanira umukate n’abo bovyara.

Yanditse ati : ” Tuze dutore Edith Stein : hama twomusaba ko niyaronka ayo mahirwe yo kudutwara iyo myaka 5 yorondera uko yofasha abantu bariko baja mu zabukuru mu kubaronsa utundi dukorwa bokora kugira biteze imbere, bareke kuguma baja mu matati n’abana bangana n’abo bavyaye. Birateye isoni ko umutama afise imyaka 40 canke irenga, yoba akigwanira akajumbu n’umwana w’imyaka 25, birateye isoni. #nakarorero #tuzobikore muri rwa rukundo.”

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije inyuma y’aho iryo shirahamwe rimenyeshereje ko amatora azoba muri iryo shirahamwe yungururijwe mu kwezi kwa 2 kw’uyu mwaka wa 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717