IKIRUNDI_news

Boris yazanye imipira irimwo ibiranga Uburundi

Gukora imipira, amashapo, canke utundi tuntu dutandukanye tuba turiko amazina y’umuntu canke y’uruganda kanaka, ni kimwe mu bituma ico bariko bashaka kumenyekanisha gikomera, kikanagira izina rikomeye haba mu gihugu canke mu mahanga.

Hano iwacu abaririmvyi bamwe bamwe bariko Big Fizzo, Preeze36, Natacha, Alvin Smith, Mt Number one n’abandi bake baramaze kuboneka bariko bagurisha imipira iriko amazina yabo, amazina y’indirimbo zabo, canke amashusho yabo eka mbere n’ama Logos yabo.

Ababikora sabo gusa kuko n’abasanzwe batwenza abantu nabo bamaze gufata iya mbere mu guhamvya abandi muri ico gikorwa c’ukumenyekanisha ibikorwa vyabo biciye mu gucapa canke kwandika ku mipira. Umwe muribo ni uwusanzwe azwi cane kw’izina rya Kabizi Boris, nawe yazanye imipira itandukanye yaba y’amaboko magufi canke marere.

Mu kiyago twagiranye haraheze imisi, yatubwiye ko abantu batandukanye bamaze kwitabira ico gikorwa co kugura iyo mipira, iriko ibimenyetso bitandukanye biranga igihugu cacu c’Uburundi. Tuganira akaba yari yamenyesheje ko ababafasha kugira Command bayironka mu masaha makeya cane.

Twashatse kumenya imvo n’imvano y’ugushaka gukora izo mpuzu, Boris adusubiza ko  bipfuza ko abantu bokwambara impuzu ziriko ibiranga igihugu cabibarutse.  Boris yagize ati : “Mu bisanzwe twipfuza ko idarapo riboneka inyenyeri zitanga igihugu ziriko, ntitwokwama twambara ibiriko ibindi bihugu canke ibintu bidasiguritse. ”

Uwo musore yatuyagiye ko abari mu gihugu bazironka vyoroshe, ariko abari inyuma y’igihugu bisaba ko bongerako ayo kubibarungikira. Aho akavuga ko bivana n’igihugu uwo muntu aba arimwo.

Mwomenya ko hampande ya Boris, na Big Fizzo basa nkaho ivyabo biboneka hano iwacu gusa, Alvin Smith we akaba yarabashije kuja hamwe na Tugumadori [ku bari muri amerika], hamwe na Mucowintore Boris Evrard [ku bari muri Canada] ngo izo mpuzu zibashe kudandazwa ku bari mu mahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037