kirundi

Breaking News: Amarira n’agahinda nivyo birangwa mu muryango wa Berry Music

Mw’Ijoro ryo kuwa 8 Munyonyo 2020 niho hakwiragizwa inkuru yuko umuririmvyi yamenyekanye ku ndirimbo zibiri arizo Melana na Angelina Berry Music ko yabuze umuvyeyi wiwe ariwe Se amuvyara.

Bikaba vyagiye biraboneka Ku mbuga ngurukana bumenyi z’abaririmvyi, aba DJs, abahinyanyuzi ndetse n’abamenyeshamakuru batandukanye .

Ivyo bikaba vyemezwa na Berry Music ubwiwe aho yabishira kurubuga rwiwe rwa Facebook mu kwandika amajambo aherekeza ifoto y’Umuvyeyi wiwe aho yagize ati:

“RIP Dad IMANA ikwakire mu bwami bwayo yagukunze kuturusha”

Mwomenya ko ivyo bibaye mu gihe Indirimbo Angelina ya Berry Music ari Indirimbo iriko irabica bigacika haba mugisagara ca Bujumbura, no hagati mugihugu, ndetse no hanze y’Igihugu, haba mubihugu bibanyi nk’Urwanda tutibagiye ko ari umwe mubaririmvyi bariko barakundwa mu barundi baba mubihugu vya Buraya n’Amerika.

Aho tworangiza tubibutsa ko Berry Music ari mu rutonde rwabazokwitabira igiteramo citiriwe Miss Ngoma Kigiye kubera ku murwa mukuru wa Politique I GITEGA kuri Cercle de l’Aliance.
Hakazoba ari kw’igenekerezo rya 13 MUNYONYO 2020 aho yabwirizwa kuba arikumwe n’abandi baririmvyi batandukanye nka Miss Erica, Bernice The Bell, Esther Nish, Limande n’Abandi.

Aho benshi bakomeza kwibaza bati Mbega azoboneka murico giteramo?

Indundi Magazine irahojeje, kandi inihanganisha umuryango wa Berry Misic ndetse n umuryango w’abaririmvyi muri rusangi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 456