Inkino

Breaking News : Covid-19 niyo itumye Mohammed Amissi atitabira urukino rwa Mauritania

 

 

 

Amakuru dukesha umuryango wa Mohammed Amissi , ayo makura nyene atangwa n’umuvyeyi wiwe nyina amuvyara, kumwe na nyinarume n’uko uwo mukinyi atagiye kwitabira inkino zibiri zo kurondera itike yo kwitabira CAN 2021 zigiye guhuza Uburundi na Mauritania ku magenekerezo ya 11 na 15 munyonyo 2020.

Imvo yatumye Mohammed Amissi ataza kwifadikanya n’abandi mu rukino rwa Mauritania akaba ari uko uwo mukinyi haciye indwi yanduye umugera wa Covid – 19 , ariko nubwo biri uko , yaba mu muryango wuyo mukinyi canke mu mugwi Hercles Almelo akinamwo batashimye gushira iyo nkuru ahabona.

Mohammed Amissi akaba yari amaze imisi ari mu kato ka wenyene,ariko muri kino gihe akaba yamaze gukira iyo ndwara ndetse aranahabwa n’uruhusha rwo gutaha.

Ayo makuru ya Mohammed Amissi akaba yemezwa na Mutima Manager w’intamba mu rugamba aho we avuga ko naho uwo mukinyi yoba amaze gukira iyi ngwara ata nakimwe yofasha Intamba mu rugamba bivanye n’uko yari amaze imisi mu kato nta n’imyimenyerezo yakora.

Iyo ikaba ari inkuru mbi kuri Staff y’intamba mu rugamba ndetse no kubarundi bose bivanye nuko uwo mukinyi yari afise ikintu kinini yari gufasha mu rukino rwa Mauritania.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036