Inkino

# Breaking News : Imiriyoni 27 nizo Innoncent Kambarange yahawe kugira amenyereza Flambeau du Centre

 

Inyuma yaho umugwi Flambeau du Centre uhagarikiye umumenyereza mukuru wayo Omar Ntakagero , uwo mugwi umaze gutanga amasezerano k’ uwahora ari Umumenyereza wa Royal Fc Harerimana Innocent batazira Kambarange.

 

Innocent akaba yahamwe amafaranga angana n’imiriyoni 27 z’amarundi ku mwaka umwe gusa kugira aje kumenyereza uwo mugwi usanzwe utwarwa n’umugwizatunga akomeye hano mu gihugu Kazohera Vénerand .

Innocent Harerimana akaba yarafashije Royal Fc kurangiza ihiganwa rya Primus league 2020-2021 uri mu kibanza ca 9 , akaba umwe mu bamenyereza bakoze ibitangaza mu mwaka uheze aho wasanga atsinda imwe mu migwi ikomeye ifise n’abamenyereza bakomeye .

Mwomenya ko Harerimana Innocent Kambarange amaze kumenyereza imigwi ya Rumonge City , Les Guepiers du Lac , Butare City hamwe na Royal Fc .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037