homepagekirundi_Sports

Patrick Sangwa Mayani ahejeje kuduza Umugwi Aywaille FC mu cicaro ca Kabiri

Umugwi Aywaille FC wahora ukina mu cicaro ca gatatu mu Bubirigi waduze mu cicaro ca Kabiri kuruhande rw’abavuga Igifaransa mugihe Ku rwewo rw’igihugu cose ni icicaro ca 4 ( Niveau 4).

Kuri uno musi wa kabiri Igenekerezo rya 21 Rusama 2024 , niho hamenyekana amakuru avuga y’uko Umugwi Aywaille waduze mu cicaro ca Kabiri inyuma yo gukina inkino zo gukurakuranamwo za Barrages.

Aho ni inyuma y’indwi imwe gusa Umugwi Aywaille Fc ukinye urukino rwa Play offs n’umugwi Cs Pays Vert ugatsinda ibitsindo 3 kuri 2 .

Ni irya mbere mu mateka y’uwo mugwi ukinye urukino rwa Barrages ugaca uduga no mu cicaro ca Kabiri .

Patrick Sangwa Umumenyereza w’umurundi akaba akoze amateka atari bwakorwe n’uwundi mumenyereza muri uwo mugwi Aywaille FC , Umwaka wiwe wa mbere agaca aduza uwo mugwi .

Sangwa akaba ari umwe mu bamenyereza bemewe cane mu gisagara ca Liège mu gihugu c’Ububirigi .

Akaba ariwe mumenyereza wa mbere w’Umurundi asanzwe afise Licence A ya UEFA n’imwe mu ma Licence yemewe kumugabane wa Buraya .

Yamenyereje imigwi itari mike ya hano iwacu nka Flamengo FC , Athletico Olympic , Rumuri FC . Yaraciye no mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abakiri bato .

Aywaille Fc ikaba yarangije ihiganwa ryo mu cicaro ca gatatu iri mu kibanza ca gatatu n’amanota 61.

Mwomenyako Patrick Sangwa yamenyereje Abakinyi batandukanye ba hano iwacu nka , Blaise Karorero , Olivier Niyungeko , Jimmy Ndayizeye , Elvis Banyihwabe , Babingwa , Wanga Willy , Amars Niyongabo ndetse n’abandi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822