BurundiEntertainmentkirundi

Breaking News|Mugisha Alipe ntagihema umwuka w’abazima

Umuririmvyi aririmba indirimbo zo kuninahaza Imana Mugisha Alipe  yasezeye Isi.Umuririmvyi aririmba indirimbo zo kuninahaza Imana Mugisha Alipe ntagihema umwuka w’abazima , akaba yaraye asezeye isi kubera ingwara nkuko twabimenyeshejwe n’abegereye umuryango wiwe wa kabiri YBSP ishirahamwe risanzwe rifasha abana batishoboye yararimwo nk’umunywanyi.

Alipe Mugisha yize amashure mato kw’ishure rito ryo mu ngagara ya gatatu benshi bita kuri St joseph acabandaniriza ayisumbuye kw’ishure ryisumbuye ryo mu Ngagara .

Agiheza amashure yisumbuye yaciye akora mw’ishirahamwe Espace Telecom ahakora igihe kinini.

Alipe ni umwana yakijijwe kuva akiri muto kubera ko abavyeyi biwe bari mu bakozi b’imana kuri Eglise Bon berger igitangura muri zone Ngagara .
Yavutse kw’igenekerezo rya 28 Rusama 1989, asezeye isi afise imyaka 31 .

Abo babanye mu Ngagara , Cibitoke na Gatunguru cokimwe nabamuzi muri Gospel bemeza ko yarafise umubano mwiza .

Indundi Magazine imwifurije uburuhikiro bwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583