IKIRUNDI_news

Bruce Melodie ahawe amasezerano afise agaciro karenga na 3,000,000,000fbu

Bruce Melodie benshi bazi nku Munyakazi uno musi wa 3 yashize umukono ku masezerano y’imyaka ibiri afise agaciro k’amafaranga y’amanyarwanda angana n’umuliyaridi (arenga gato 3,000,000,000fbu). 

Uwo muririmvyi yaheruka guhabwa amasezerano n’ikigo ca Kigali Arena ku mafaranga angana n’ 150,000,000frw (arenga gato 450,000,000fbu) ku mwaka, n’ayandi masezerano n’ibindi bigo bitandukanye ngo abimenyekanishe, ubu naho yahawe ayo masezerano n’ikigo kidandariza ku mbuga ngurukanabumenyi gisanzwe gikorera muri Africam I Dubai no muri Qatar.

Uwo muririmvyi akaba abaye uwa mbere mu baririmvyi b’abanyarwanda babashije guhabwa amasezerano y’ibigo bikomakomeye, agahembwa amafaranga angana uko kwose.

Mwomenya ko ivyo bishitse uwo muririmvyi yariko arategura ibiteramo bitandukanye haba muri Afrika y’ubuseruko, no muri leta zunze ubumwe za Amerika na muri Canada.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036