homepage

Bruce Melodie natahashika ngo ntawobica n’ikanda

Bamwe babona ko Bruce Melodie naho yoreka kuza I Bujumbura, ngo abateguriwe kumuherekeza muri ivyo biteramo ngo n’ibihangange gusa nta nkeka ntawobona ko ataje.

Bruce Melodie ngo ashobora kutaza I Bujumbura mu giteramo yateguriwe, Ivyo bikaba bishikirizwa n’ikinyamakuru inyarwanda aho kivuga ko abariko bategura ico giteramo hano iwacu bakibwiye ko nabo batanguye kugira ubwoba.

Ico kinyamakuru kikavuga uwo muririmvyi yababwiye ko  agifise vyinshi aganira n’abo basanzwe bakorana, ariko akemera ko agira ico ashikiriza kuri uyu wa mbere ku mugoroba. Aho mukamenya ko ngo yari kuba yashitse I Bujumbura kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 23 kigarama.

Uwo muririmvyi akaba abishikirije inyuma yaho ico ibinyamakuru co mu gihugu c’Urwanda vyise iterabwoba ryakozwe kuri Meddy rikozwe n’umuntu atabashije kwivuga, aho yavuga ko hari abashaka kuzomugirira nabi ashitse I Bujumbura.

Naho biruko, hari bamwe batanguye kuvuga ko naho uwo muririmvyi yosiba iryo sanga, ngo abomuherekeje barakwiye kugira bakoze igiteramo kandi cokundwa n’abatari bake kuko yoherekejwe n’ibihangange mu muziki gusa.

Tukabibutsa ko Bruce Melody yateguriwe ibiteramo 2 ic’I Bujumbura hamwe n’ico mu ntara ya Ngozi. Ivyo vyose akaba yateguriwe guherekezwa n’ibihangange bitandukanye birimwo Big Fizzo, Kireko, Masterland, Vichou, Rally Joe, Yves Kolly hamwe na Franck g80.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686