IKIRUNDI_news

Bruce Melodie ngo uko bizogenda kwose azoteramisha abarundi

Bruce Melodie ngo uko bizogenda kwose ngo ategerezwa kuzoteramira abarundi. Haba vuba canke atevye, ivyo uwo muririmvyi yabivuze mu kiganiro yahaye kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda. 

Uwo muririmvyi asanzwe ari mu bakunzwe muri ico gihugu c’imisozi 1000, yavuze ko wari umubabaro udasanzwe amaze kubona isanamu y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,umutekano n’iterambere ry’amakomine avuga ko ata munyarwanda azohonyoza ikirenge I Bujumbura aje kuvuza umuziki.

Bruce Melodie akaba avuga ko ryari ribaye irya 2 ibiteramo ariko arategurirwa bihagarikwa, kandi bitamuvuyeko canke ngo bive ku bariko baramutegurira ibiteramo. Ariko akizeza abakunzi b’indirimbo ziwe b’abarundi kandi baba mu gihugu ko azotinda abateramisha, kuko ivyo akora abikora abikunze.

Mwomenya ko uwo muririmvyi igiteramo ciwe cahagaritswe umwe mubari mu mugwi usanzwe ukurikiranira hafi inyunu ziwe yari yamaze gushika hano iwacu aho yaraje kuraba aho imyiteguro y’ico giteramo igeze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037