Umukinyi w’Intamba mu rugamba hamwe na OGC Nice yo mu gihugu c’ubufaransa Youssouf Ndayishimiye igiciro ciwe kibandanya kiduga.
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Gitugutu 2023 , ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umugwi OGC Nice wo mu bufaransa, twabonye uwo mukinyi yadugijwe agaciro ko kugurishwa ( Transfert Market).
Youssouf Ndayishimiye agaciro kiwe kavuye mu miriyoni 11.5 kaja ku miriyoni 15 zana Euro , akaba afata ikibanza ca 5 mu bakinyi bazimvye mu mugwi wa OGC Nice .
Uwo mukinyi w’umurundi akaba kandi ari mu kibanza ca 58 mu bakinyi bazimvye bakina mu cicaro ca mbere mu bufaransa ( Ligue 1 Uber Eats).
Mwomenya ko Youssouf Ndayishimiye ari nawe mukinyi wa mbere w’umurundi akina mw’ihiganwa rikomeye, akaba kandi ari nawe mukinyi w’umurundi azimvye cane kurusha abandi.