abakinyi bakina hanzeDiasporafootballintamba murugambakirundi_Sports

Youssouf Ndayishimiye yarwije na 2 igiciro ciwe co kugurishwa

Umukinyi w’Intamba mu rugamba hamwe na OGC Nice yo mu gihugu c’ubufaransa Youssouf Ndayishimiye igiciro ciwe kibandanya kiduga.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Gitugutu 2023 , ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umugwi OGC Nice wo mu bufaransa, twabonye uwo mukinyi yadugijwe agaciro ko kugurishwa ( Transfert Market).

Youssouf Ndayishimiye agaciro kiwe kavuye mu miriyoni 11.5 kaja ku miriyoni 15 zana Euro , akaba afata ikibanza ca 5 mu bakinyi bazimvye mu mugwi wa OGC Nice .

Uwo mukinyi w’umurundi akaba kandi ari mu kibanza ca 58 mu bakinyi bazimvye bakina mu cicaro ca mbere mu bufaransa ( Ligue 1 Uber Eats).

Mwomenya ko Youssouf Ndayishimiye ari nawe mukinyi wa mbere w’umurundi akina mw’ihiganwa rikomeye, akaba kandi ari nawe mukinyi w’umurundi azimvye cane kurusha abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 355