homepageUbworozi

Bujumbura: Hari indwara ibangamiye inkoko iteye amakenga aborozi

N’indwara itaramenyekana ibangamiye inkoko ku mutumba Rurambira zone Mayuyu komine Mukike mu ntara ya Bujumbura,iyo ndwara ikaba imaze guhitana inkoko zirenga 20. Abaganga b’ibitungwa bakavuga ko nubwo iyo ndwara itaramenyekana, ifise ibimenyetso nk’ivyindwara y’agahweka.

Bamwe mu borozi b’ibitungwa baba ku mutumba Rurambira bashikiriza ko bimwe mu bimenyetso vy’iyo ndwara ari ukujunja , kuzinga umutwe, mbere ntizisubire no ku noba ivyo zirya mu kiringo c’imisi itatu inkoko yerekanye ivyo bimenyetso igaca ipfa.
Iyo ndwara n’ubwo itaramenyekana aborozi bavuga ko yandukira, inkoko naho bazishora kw’isoko bazigarukana zamaze gufatwa n’iyo ndwara mugihe yegeranye n’iyindi igwaye .Gushika ubu nta muti bararonka wokuvura iyo ndwara, abo borozi babona ko mu gihe atacokogwa i Yo Ndwara Izobasubiza inyuma kuko hamaze gupfa inkoko zirenga gato 40 kuva aho iyo ndwara itanguye kwibonekeza, Aborozi bagasaba abajejwe amagara y’ibitungwa kugira ico bakoze mukugwanya iyo ndwara.
Umwe mu bajejwe amagara y’ibitungwa muri zone Mayuyu Dieudonné Mbonabandi ashikiriza ko naho iyo ndwara itaramenyekana, ifise ibimenyetso vy’indwara y’agahweka.Uyo muganga w’ibitungwa yemeza ko ico kibazo yamaze kukimenyesha abamukurira bakaba barindiriye icokorwa. Uyo muganga asaba abo borozi ko mu kurindira umuti urama bohagarika kongeramwo inkoko shasha canke ngo batware izigwaye mu masoko.Iyo ndwara y’inkoko imaze imisi iri hagati ya 10 na 15 kuva itanguye kwibonekeza kuri uyo mutumba wa Rurambira.

Inkuru est un livre pour Sonia Vyamungu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673