Bamwe mubanyagihughu bo ku mutumba Muregenza zone Musenyi komine Mpanda intara ya Bubanza bavuga ko bazi ibijanye no gufungura neza kugira bikingire indwara ziterwa no gufungura nabi. Ariko kubera amikoro make,hari imwe mu miryango bigora kuronka imirwi yose y’imfungurwa.Abajejwe amagara y’abantu kuri uyo mutumba bavuga ko ibitigiri vy’abana bafise ingwara ziterwa n’ugufungura nabi zagabanutse.
Bamwe mu banyagihugu bo kuri uyo mutumba wa Murengeza ,bavuga ko hari imiryango ikenye bigatuma hari zimwe mu mfungurwa baheza ntibaronke.Abo ni nk’abafungura bakoze “itashe” (tâche).Bavuga ko abo bibagora kugira bafungure imirwi yose y’imfungurwa uko ari itatu :ndemamubiri, ntanganguvu na sanganyangaburo. Ibi kandi biremezwa n’umukuru w’uyo mutumba.Emmanuel Ndayiragije avuga ari ko naho biri uko abanyagihugu bagerageza kwikora kuvyo bimbura kugira bahangane n’indwara ziturutse ku gufungura nabi.Avuga ko bamwe muri bo ari abimukira baba kuri uyo mutumba batagira aho barima.
Uwurongoye ivuriro ritoyi riri kuri uyo mutumba Methode Nduwayo avuga ko kuri iryo vuriro bakira abana bafise indwara ziturutse k’ugufungura nabi ,ariko ko ibitigiri biriko biragabanuka kubera amashirahamwe afasha kugira izo ndwara zigabanuke mukwigisha abanyagihugu ingene bofungura neza .
kimwe mubimenyetso vyerekana indwara zo gufungura nabi harimwo kugira umushatsi uhishiye no kuvyimba zimwe mungingo z’umubiri nk’ibirenge.
Bimwe mubikorwa bikorwa nabaremeshakiyago harimwo kwigisha abavyeyi gufungurira neza abana ,no kugira isuku rijanye n’ibifungurwa kugire birinde banarinde indwara ziterwa n’ugufungura nabi.
Inkuru yanditswe na Égide Nahayo

















