IKIRUNDI_news

Bukiv Label nabo bagiye gushira muri Esther Nish imiliyoni 100 (100,000,000 fbu)

Mu gihe ama Mannagement atandukanye adaha ni rwere ababaza ibibarizwa mu masezerano akorwa hagati yabo n’umuririmvyi baba bafashe mu ntoke, Bukiv Label yoyo yaraye ishize ahabona amafaranga n’ibibarizwa mu masezerano bakoranye na Esther Nish.

Mu kiganiro yahaye kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, Dj Jackson yavuze ko mu masezerano bafitanye n’umuririmvyikazi w’umurundi  Nishimwe Estella benshi bazi nka Esther Nish, harimwo agahembo ka buri kwezi, kugira umuririmvyi abashe kubaho n’ugukora ata nkomanzi.

DJ Jackson yanavuze ko amafaranga angana n’imiliyoni 100 mu kiringo c’imyaka 3, nukuvuga imiliyoni zirenga gato 33 ku mwaka ariyo bazoshira mu bikorwa bitandukanye bazokorana birimwo gukora amasanamu meza cane.

Muri ico kiyago yagiranye na Jimbere Magazine, uwo musahirizi yamenyesheje k obo ico binjiza bagikura muri Streaming y’indirimbo baba bakoreye abo baririmvyi, nukuvuga ko abumvirije indirimbo ku mbuga ngurukanabumenyi zigurisha umuziki nka Spotif, Deezer, Cd Baby n’izindi ayo mafaranga agumana Bukiv Label.

Uwo muririmvyi baba bariko bakorana, hampande y’umushahara aba ahembwa, uwo muririmvyi amafaranga yinjiza kuri Youtube ngo aba ari rwiwe bwite, n’ibice 30% vy’amafaranga yagurishijwe ama CD.

Muri ico kiyago nyene umusahirizi wa Esther Nish na Stikk (Akiri mw’igeragezwa) avuga ko we bakorana amasezerano bataraba amfaranga, ariko bashima kubashiramwo akantu ko kudandaza kuko abaririmvyi batandukanye hano iwacu umengo bariko baridagadura.

Mwokwibuka ko mu kiganiro baheruka kugirana n’abamenyeshamakuru bamenyesheje ko bariko bategura gukora uruhererekane rw’ibiteramo, co kimwe n’ishirwa ahabona rya Album y’uwo muririmvyikazi mu kwezi kw’12.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020