kirundiUncategorized

Burarahurwa: STEPHEN R. COVEY ati urafise inguvu z’ukuvyishitura!

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo.

Mu gitabo canditse citwa “7 HABITIS OF HIGHLY EFFECTIVE PEOPLE” Stepohn R. Covey arafata ukuboko umusomyi akamutahuza ibitari bite. Ni igitabo rero aho Stephen R. Covey yerekana inyifato indwi umuntu ategerezwa kugira kugira abe umuntu w’ikimazi, umuntu afise agaciro kabereye umuntu mu buntu bwiwe runtu.

Aratwereka ko , umuntu mu buntu bwiwe runtu( sa nature) afise ukuntu yibona. Arafise rero ivyirori yirabamwo kugira aze gutora isanamu ryiwe , ry’uwo ari canke uwo yagizwe.

Arerekana ukuntu ibintu tubona burya biba bihuye n’ibiri muri twebwe nyene. Mu majambo make agira ati tubona ivyo twebwe nyene turi. Ivyo tubona, tubibona uko biri kuko  turi uko turi. Ntitubibona uko biri bwa nya vyayo nyene( de façon objective) . Uko tubibona harimwo igihandi kiniiniya c’uko turi.

Nayo ku vyerekeye uko turi ngo dusanga twitora mu vyirori vy’ubwoko butatu.

Ivyo vyirori ngo biri imice gutatu yita determinsmes( Mwihangane indimi ndazivana kuko ntikuriwe kuvuga ururimi rumwe gusa, utacumva ca ukirondera muri kazinduzi, bikubere mbere akaryo k’ukubimenya).

Genetic determinism: Mw’isanamu twiha, Stephen R. Covey adusigurira ko hamwo kandi uravangatirane rw’urunyigimbe rw’ibitugize biri mu maraso rwatekererewe n’abatwibarutse bwa mpamba kuri runo rugendo.( ADN). M’uko twibaza ko turi ngo harimwo igihande c’uko nyene turi mu maraso.

Psychic determinism. Aha Stephen R.Covey asigura ko mw’isanamu twiha ko twoba turi harimwo n’uruvangitirane rw’uko twahawe indero. ivyo bagiye baratwereka nk’umwonga uhuma canke uwudahuma ba Dawe na ba Mawe eka mbere n’aba bandi barezi twagiye turaca mu biganza kuva turi impinja gushika n’ubu aha tugeze.

Environmental determinism: Aha Stephen R.Covey atubarira ko kandi mu buryo twibona harimwo n’urusukirane rw’ivyo tubona canke twumva mu bidukikije n’ubu nyene twitwa ngo turakuze. Muko wibona harimwo igihande c’amajambo uwu mubana akubwira, canke umukoresha wawe … Eka kandi ngo harajamwo kandi n’ibijanye uko ibintu vyifashe muri rusangi aho uherereye haba mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga hamwe n’ibindi.

Yamara rero, Stephen R.Covey nk’uko abamaze gusoma ico gitabo mumaze kubibona, ibi vyose abitubwira kugira ngo tumenye ko dufise ibituboshe mu mutwe mu gihe turiko turihweza ibintu.

Ariko ngo yansanze dufise ubushobozi bw’ukuvyishitura.

Afatiye ku karorero k’umu Juif yitwa Victor Frankl yari apfunzwe mw’ikambi y’aba NAZI , Stephen R.Covey arerekana ko ibintu vyose uko biri kose, situations yose urimwo uko iba kose, ibigushikira vyose uko biri kwose( stimulus) urafise ubwigenge bw’uguhitamwo uko uvyifatamwo( Response)ugacagagura imigozi y’ivyatugize ivyo twahavuye tuba. Urafise ubwigenge bw’ukutavyifatamwo udafatiye kuri vya bintu bidufashe mu mutwe, bimwe vyamaze kudu conditionna, bimwe vyatugize ko dusanga turiko turigenza uko twigenza tweho twumva ko ari vyo bibereye kuko natwe nyene turi uko dutegerezwa kubibona uko biri, nako uko vyagizwe n’uko natwe twagizwe.

Nkuko Stephen R.Covey abivuga, igihe uwo mu juif Victor Frankl yari mu buroko aho yari apfungiwe arindiriye kwicwa nk’abandi, wewe mu mutwe yaciye yiha iciyumviro ati ko ngihema, bampfungiye umubiri gusa mugabo ntibampfungiye ivyiyumviro canke ukubona ibintu. Yaciye afata ingingo y’ukwikuramwo mu mutwe ko apfunzwe aca aguma nyabuna mu mutwe ( visualisation) ari hanze, ariko arigisha abantu. Kubera ico ciyumviro yagumanye, akanka kwemera mu mutwe ko apfunzwe, vyamuhaye inkomezi z’ukutihebura, akaguma anezerewe mbere aca abera akarorero keza abo bari bapfunganywe eka mbere n’abari bitwa ngo nibo bamucunze. Kubera uko kwizera, Stephen R. Covey amenyesha muri  ico gitabo ko Victor Frankl yahavuye akira ararekurwa kanatsinda niwe yatanze izo témoignages.

Stephen R. Covey amenyesha ko uwo mu Victor Frankl gutyo yari azanye ico bita ” paradigm shift” n’ukuvuga, ubushobozi dufise bw’ukubona ibintu uko binyuranye n’uko twari turi twategerezwa  kubibona kubera turi mu vyo turimwo dufatiye kuvyo twagizwe, tuguma twibaza ngo ni vyo turi.

Gutyo ngo Victor Frankl yarerekanye ko hagati y’ibidushikira (stimulus)hamwe n’uko tuvyifatamwo ( response) umuntu afise ubushobozi bw’uguhitamwo uko avyifatamwo.

Akenge tuharahuye.

Ntugire  ngo “ibintu niko biri ngo nta kundi”. Ukundi kuriho nyene. Ni igiki kikubujije kwibona nk’umutunzi mu mutwe naho uno musi woba uri nyarucari? Kuki wemera ko ivyo urimwo arivyo bikubamwo kandi ufise ubwenge bw’ukwibohora. Kubera iki wemera ko ivyo urimwo bikubera ikiziriko kigukwega kurya nawe ugakurikira kurya kw’indogobwa?

Ba sokuru babonye umuntu yemeye ubukene akabubamwo,nabwo bukamubamwo,  baca bavuga bati” Yaratunye buratondera”. Kubera iki utuna bugatondera? Burya ubworo buri mu mutwe. Uretse kurwanira mu mutwe buca butondera ku mubiri bukibonekeza. Umuntu agateba akareka n’imvunja zikamuhekenya akarekerana, canke inda zikibera kuri we, mu mishatsi no mu mpuzu yambaye, akarekerana, akazuba katse, zikaca ahabona kwota akazuba nk’inyana ku musase,  ugasanga zarafoye amabondo, akarekerana.  Ivyo biba kuko mu mutwe aba yaratanye n’ishwima, akaruhira kwemera mu kameremere ko ata gaciro agifise.

VAYO!

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 490