EntertainmenthomepageUncategorized

#Burundi: FABRIMETAL isaba BBN kubandanya igikorwa iriko.

Ihinguriro ry’ivyuma bita “fer à béton” ryo mu Burundi #FABRIMETAL rivuga ko rishigikiye ingingo iherutse gutangazwa n’ikigo #BBN, kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa. Iyo ngingo ijanye no kubuza iyinjizwa mugihugu ry’ivyuma nkama fer à béton bidakwije ibisabwa n’amategeko.

 

Mugihe hari ben’ivyo vyuma bimaze kwinjira kandi bikagurishwa no kumasoko atandukanye, mukiganiro n’abamenyeshamakuru co kuruyu wambere, umuyobozi mukuru wa FABRIMETAL avuga ko kubona hamaze kwinjira ivyo vyuma vyoba biva kw’ikena ry’amafaranga mvamakungu kuko hanze y’igihugu abarangura ivyo vyuma babironka aruko batanze amafaranga y’ama dorari.

Uwurongoye FABRIMETAL Jean-Emile Tousch, abona ko ikigo BBN co kimwe n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amahinguriro n’ubudandaji, bofasha mugushira mu ngiro amategeko kuko ku bwiwe ngo ivyuma ben,ivyo bishobora gutera ingorane nko gusenyuka kw’inyubakwa hamwe n’uko ubuzima bw’abantu bushobora kugeramirwa.

#RadioIndundiCulture
#Industrie

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750