BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ivy’Urukundo rwa Drama T na Mow Kanzie bizogaruka?

Drama T ahambije abandi mu gukina amareresi. Uwo muririmvyi wa Madame nawe yabonetse Kuri umwe muma Episodes ya ya reresi ritegurwa na Yaga Burundi.

Nkuko vyibonekeje muri Episode ya 2 ya Saison ya 3 y’iryo reresi, Drama T nawe yashizemwo ikirenge kandi binaboneka ko ashobora kuzobandanya akinamwo.

Muri iryo reresi, hampande yo kuba Drama T vyabonetse ko bafise urudandazwa basanzwe bakorana na Alvin Smith, nawe asanzwe akina muri iryo reresi, yanasabwe gufasha Mow Kanzie kugira ihahamuka afise rimuheremwo.

Ariko hagati aho nuko na Audry Jesus asigaye ari umukirisu, yasavye Drama T kuja mu vy’Imana, kuko ngo ahafise abafana ku rusengero iwabo, kandi ngo ivyo bikorwa vyogenda neza cane.

Iyi saison ihagaze kw’ihahamuka rya Mow Kanzie ikaba ishobora kuzokundwa cane, kubera haciye hashirwamwo Drama T. Kandi abo uko Ari babiri bazwiko kuba bafise kahise katari aka kure, kavuzwemwo ibijanye n’urukundo rwoba rwari hagati yabo.

Muri iyo épisode naho Mow Kanzie atahavuze vyinshi, vyabonetse ko hariho akantu hagati yabo, Kandi na Alvin Smith nawe yasavye Drama T gukora Ibishoboka ngo bahuze.

Iryo reresi rikaba rigarutse mu gihe épisode ya nyuma ya saison ya 2, yari yasohotse haraheze amezi yababa 10.

Hagati ya saison ya 2 n’iya 3, akaba ariho havuzwe cane Ivya Drama T na Mow Kanzie, ibituma abantu b’baza ko arico gituma Drama T yazanywe muri iryo reresi naho hatazwi igihe azomaramwo, kuko atari mu bakinyi baboneka ko badahindurwa muri iryo reresi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760