AgricultureBurundiClementinne kavyhomepagekirundi

Ikawa y’Uburundi yatahukanye ikibanza ca mbere kw’isi

Ni akanyamuneza ntangere ku barundi na canecane abarimyi b’ikawa kuva aho bumviye ko ikawa y’Uburundi yabaye iya mbere kw’isi mu mahiganwa yari amaze imisi ariko arabera muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza umwaka w’2019 niho hamenyeshwa icese ko ikawa yo mu Burundi itahukanye ikibanza ca mbere kw’isi.

Aho ni mu mahiganwa yari amaze imisi ariko arabera mu gisagara ca Boston gisanzwe kiri muri Reta ya Massachussette muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748