BurundihomepageIKIRUNDI_newssecuritysociete

#Burundi| Reta Mvyeyi ntigiye kwihanganira abayicafuza

Ikiringo c’indwi zibiri nico umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yahaye uwutwara “Cellule” Mugoboka ya mbere iri muri karitiye Mutanga Sud n’abo bafadikanije mu kubomora amazu arenga 10 y’abanyagihugu babarenganije kuba bayubatse bakayasubiza uko yahora.

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yabivuze, kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 12 Mukakaro 2021, inyuma yo kwishikira aho ku Mugoboka. Kubwiwe, inzu zibomorwa n’izegereye amabarabara makuru makuru zubatswe hadakurikije amategeko, mu makaritiye yatunganijwe bigakorwa na benezo.

Umushikiranganji Ndirakobuca atera akamo abajejwe intwaro bose guhera kuri ba buramatari gukora badacinyiza abanyagihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718