BurundiDevelopmentFabelovehomepagekirundiprimusic-burundisociete

Kayanza : Ikibazo c’ikena ry’amazi ngo kigiye gusezererwa

Côme MANIRAKIZA, umushikiranganji w’amazi hamwe n’amasoko ntanganguvu

Ikibazo kijanye n’ikena ry’amazi cari kimaze imisi kigeramiye i gisagara ca Kayanza ngo kigiye gukemurwa mu misi ya vuba nk’uko vyaraye bishikirijwe na Côme Manirakiza, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu.

Mu gihe yari yaramutse yishikira ku rubuga kugira yirabire aho ibikorwa bigeze bijanye n’ugukwiragiza amazi muri amwe mu makomine agize igisagara ca Kayanza, umushikiranganji w’amazi n’amasoko ntanganguvu Côme Manirakiza, amaze kubona urugero rushimishije ivyo bikorwa bigezeko, yamenyesheje abanyagisagara ca Kayanza ko ikibazo c’ikena ry’amazi bari bamaranye igihe kigiye gusezererwa burundu mu misi ya vuba.

Mu makonie atatu (komine Kayanza, komine Kabarore hamwe na komine Matongo) uyo mushikiranganji yagendeye, yasanze ibikorwa vyo kurwiza amazi bigeze ku rugero rushimishije, aboneraho guhamagarira abenegihugu kuzokoresha ayo mazi neza bakabungabuga amatangi n’amabombo ndetse bakaza barasubiriza n’ibikoresho bimwe bimwe bizoba vyononekaye canke vyaheze.

Ibikorwa vy’ukwongereza amazi meza mu duce dutandukanye turi muri ico gisagara ca Kayanza no mu micungararo yaho bikaba biriko birarangurwa bifashwe mu mugongo n’ikigega FONIC (Fonds National d’Investissement Communal).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756