Burundihomepagepersonal developmentSpirituality and progressyouth

# Business| Uku ngo niko yinjiye ngo mu kazi k’ubuvanderi( Vendeur)

Ivuo bimenyeshwa n’umwanditsi akaba n’umurwizatunga Brian Tracy mu gitabo yanditse kijanye n’ubuhinga bw’ukudandaza yise ” The psychology of selling”. Uwo mugabo yavutse mu mwaka wa 1944 akavukira mu gihugu ca Canada , ubu afise imyaka 75, aramenyesha uko yagiye mu mwuga w’ubu venderi( Vendeur)

Nk’uko abasomye ico gitabo babibona, aramenyesha ko atamashure kaminuza yigeze agira. Ico yakora bwari ubuzi bw’amaboko, ubwo yakuramwo amafaranga y’umukate. Yamara rero akiri muto ngo yaguma yibaza ikibazo gikurikira kijanye n’ubuzima. Nga yama na ntaryo yibaza ati ” Ni kuki mu buzima hari abatunzi hanyuma hakaba n’aboro”? Yaguma rero ngo arajwe ishinga nico kibazo yamara intumbero ngo kukaba kwari ukumenya, kubera iki abatunzi batunze hanyuma kandi kubera iki abakene bakenye?.

Na narirya rero ngo yama akora ubuzi bw’amaboko, bumwe buza burahera ukarondera ubundi, ngo vyarashika rero akabura akazi maze ivyiyumviro n’ingorane bikamubana vyinshi kugira ngo aronke ico ashira mu nda.

Ubwo buzima rero yabamwo butagira ic’epfo icaruguru nibwo bwamutumye ngo aca afata ingingo y’ukuja mu bu Venderi. Yihweje rero uko yinjiye muri uwo mwuga, yahavuye aca yandika muri ico gitabo nyene ati” Ni ingingo dufata zikomeye mu buzima bisa nka kurya wovyuka mwijoro maze ukumva uciye ku kintu utari wabonye, maze ugaheza ugasubira inyuma kwihweza neza vy’ukuri ico uhonyoye.

Wewe rero uri umu Chomeri, ntugire ngo akazi ntikahari. Karya washize mu mutwe k’ukwicara mu bureau hako ukarindira imyaka itanu imbere y’ukukaronka, ntacobuza ko ufata ingingo y’ukurondera ibintu udandariza abantu maze bakaguha agahembo ufatiye ku vyo wagurishije.

Mu kiringo wofata iyo ngingo uwu musi uhejeje amashure, maze ukitanga utiziganya, muri iyo myaka itanu womaze wicaye muhira urindiriye akazi k’ikaramu, yohera umaze kugera kure.

Akazi rero k’ubu Venderi aha iwacu umengo abantu nta gaciro babaha, maze umuntu yumvise umu vendeur agaca yibaza ngo ni akazi umengo wewe ntakwiriye. Ariko, abahinga bose bakomeye barerekana ko ariko kazi( ego vy’ukuri katoroshe) mugabo gafise inyungu nyinshi na narirya kagutera kuba umuntu ashoboye kuvugisha abantu bose, umuntu ashoboye gusigurira umuntu akanyurwa( Convaincre); umuntu afise ukwihangana agashobora gukorana n’abantu mu bumere bwabo bunyuranye.

Akazi k’ubuvanderi rero kagutuma uhigira ibindi bintu vyinshi bica bigufasha n’ukugira ubushobozi bwinshi mu bijanye n’ugushobora gukorana n’abantu.

Fata iyo ngingo rero uwu musi ah’ukuguma wicaye. Arya mashirahamwe yose y’ukudandaza aba afise ibidandazwa ashaka ko bishikira abanyagihugu. Eka turetse n’ibidanzwa bifadika( produits) hari kandi n’ibidanzwa ama services nka kurya woshobora kuja kudandaza ama contrats yo mu mashirahamwe y’ubwishingizi.

Wibuke kandi ko mu kiringo umaze kuba umuhinga akwiye mu budandaza uheza ukaba uronse ubushobozi buzokwugururira inzira nyinshi.

Urukiza ruri mu minwe yawe! 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718